UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare b’uburundi barenga 10 harimwo intwazangabo zibiri bariciwe mu ntambara zibahuza na M23 muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare b’uburundi barenga 10 harimwo n’intwazangabo zibiri z’ipete rya ‘Major’ nibo bimaze kumenyekana ko biciwe mu ntambara zabahuje n’umuhari M23 kuri uyu wa mbere mu karere ka Mushaki no mu micungararo yaho ni muri teritwari ya Masisi, mu ntara ya kivu y’uburaruko. Nayo abandi boba barenga cumi barakomeretse hakaba n’ayandi makuru y’abandi basirikare ataramenyekana iyo barengeye.

Intambara zatanguye kuri uyu w’Imana uheze zija gukomera cane kuri uyu wa mbere mu bice vy’ahitwa Sake na Mushaki. Ingabo z’uburundi zirikumwe n’abasirikare ba Congo kandi bambaye umwambaro wa Congo zo muri batayo ya TAFOC zari zegereye ahitwa Mushaki mu ntara ya kivu y’uburaruko . Amakuru atangwa n’abasirikare bari mw’ako karere kabereyemwo imirwano yemeza ko Major Onesphore Ndayiragije batazira Bigohe yatwara imwe mu ma kompanyi ya Batayo y’umunani yarahasize ubuzima. Uwundi yahasize ubuzima ni Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja. Major Ndayiragije akaba yari mu ntwazangabo z’abahinga mu gukoroka mu ndege ‘parachutiste’ akaba yari muri poromosiyo ya 37 ya ISCAM.Nayo Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja bagenzi we bavuga ko yinjiye igisirikare avuye mu muhari FNL hari mu mwaka wa 2009, akaba nawene yari muri batayo y’umunani ya TAFOC irongowe na Lt.col Ladislas Nsingirankabo.

Ayo makuru atangwa nyene n’abasirikare abandanya yemeza koi zo ntambara zabahuje n’umuhari M23, hoba kandi hari izindi ntwazangabo zibiri zaguye muri iyo ntambara . Ayo makuru nyene akavuga ko hari abasirikare barenga 10 bakomeretse muri bo hakaba harimwo Major André Ndayizeye yarajejwe ibikorwa vy’ingwano muri batayo y’umunani ya TAFOC. Hari ngo n’abandi basirikare bahasize ubuzima bataramenyekana igitigiri.

Ayo makuru nyene akavuga kandi ko mu gitondo co kuri uyu wa kabiri hari abasirikare batazwi iyo bagiye maze ngo hamenyekane ico babaye , ivyo batanga kw’ipero ngo ni ‘situation confuse’ kuko ngo bataramenya ico babaye.
Ku rubuga rwa X, Igisirikare c’uburundi cagirije kuri uyu wa kabiri umukuru w’umuhari M23 Bertrand Bisimwa ko ivyo ariko arashikiriza ko igisirikare c’uburundi kiri mu mirwi bahanganye ari ibinyoma.

Amakuru kandi abandanya adushikira nuko havurwa imyidogo n’agashavu vyinshi mu basirikare barungitswe canke biteguriye kurungikwa mu ntara ya Kivu y’uburaruko guhangana na M23. Abo basirikare bakavuga ko badatahura ico bariko barwanira muri ico gihugu mu gihe na bene co (FARDC na Wazalendo) vyagaragaye ko badashaka kurwana iyo bageze ku rubuga rw’intambara ahubwo baca bahitamwo kuyanyaga bagasiga ku rubuga rw’intambara abasirikare b’uburundi bonyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments