UBM News ads

Umurundikazi yari yaje mu buruhuko i Burundi avuye hanze yatowe yarishwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Eugénie NTAKIRUTIMANA, umukenyezi w-umurundikazi aba mu gihugu c-ububirigi yatowe kuri uyu wa mbere yaraganduwe aho yari yarashikiye mw-ihoteri Porta Sion iri muri Gikungu benshi bita rural, ni mu gisagara ca Bujumbura. Ikiziga c-uwo mukenyezi catowe m-ubwogero bw-icumba c-iyo hoteri yashikiyemwo  kimaze kwononekara, biboneka ko hari haciye imisi agandaguwe.May be an image of 1 person and text that says 'Eugenie Ik geef medische pedicures, reflexologie en yogalessen.'

Igipolisi cishikiye mw-ico kibanza catowemwo ico kiziga kimenyesha ko Eugenie NTAKIRUTIMANA yoba yishwe anizwe mu gihe basanze amaboko n-amaguru yiwe aboshwe n-umukanda, umutwe nawe utekeye mu kintu c-igihuzu. Ikindi, amasakoshi yiwe basanze yuguruye , ibintu vyiwe bisanzaje  mu cumba yabamwo, ico cumba cari cugaye neza n-urufunguruzo . Igipolisi c-uburundi kimenyesha ko camaze gufata abantu batandatu  mu ntumbero y-amatohoza.

Eugenie NTAKIRUTIMANA apfuye afise imyaka 67 akaba yari yavukiye mu ntara ya Kayanza aho bita i Musema muri komine Butaganzwa. Akaba yari yaje mu buruhuko  mu Burundi kuwa 12 kigarama 202

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments