Igihugu ca Congo kizokwinjizwa mu muryango wa EAC bitarenze mu kwezi kwa Ndamukiza.

0

Kubw-inyamakuru co mu gihugu ca Kenya The East African, bitegekanijwe ko republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yinjizwa mu muryango wa Afrika y-ubuseruko bitarenze mu kwezi kwa Ndamukiza uy-umwaka turimwo. Ariko ico kinyamakuru kikavuga ko yari intsinzi kuri uwo muryango wa EAC ariko ko ingorane zukworosha urudandazwa zishobora kuwubera intambamyi zo kuronka umwimbu ukwiye uvuye mw-iryo yinjizwa rya Congo.RDC : Félix Tshisekedi et Kinshasa à un pas de la Communauté d'Afrique de l'Est  (EAC) – Jeune Afrique

The East African kiradondagura inkingi z-umuryango wa Afrika y-ubuseruko zitaraherahezwa gushinga nkuko vyumvikanywe . Aha ico kinyamakuru kikavuga ngo nk-ibijanye na duwane rusangi, isoko rusangi hamwe n-uko ibihugu bigira ifaranga rimwe , amatati hagati y-ibihugu mu bijanye n-urudandazwa nayonyene ngo ntiyorosha iterambere muri ico gisata.

Ico kinyamakuru co mu gihugu ca Kenya giti ivyo bishobora no kugorana hamwe congo yo kwinjira mu muryango kuko ngo nubu hari ingorane muvy-urudandazwa hagati y-ibihugu bimwe bimwe nka sudani y-epfo . Ikindi gituma ibintu vyikwega muri uwo muryango kubw-ico kinyamakuru, ni amategeko ajanye no gufata ingingo  aho amategeko mw-uwo muryango asaba ko ibihugu vyose biba vyaserukiwe kugira hafatwe ingingo. Ivyo bikaba vyaratumye ibikorwa vyikwega muri kahise.Ico kibazo ariko abakuru b-ibihugu bo mw-uwo muryango bazogiherako mu nama yimirije vuba nkuko vyashikirijwe mu nama idasanzwe igira 18 yabaye mu mpera z-umwaka w-2021.