USA: Umurundi yateshejwe agira arase bagenzi we bo mw-isengero rya pentecôte muri Leta ya Tennessee.

0

Nkuko bitangazwa na-imboneshakure News 2 ikorera  muri Leta ya Tennessee mu gisagara ca Nashville vyabereyemwo , umugabo akomoka mu gihugu c-uburundi yitwa Desiré Baganda yari yicaye inyuma mu rusengero  yahagarutse aho yari aja imbere aho yahise akura inkoho maze aca atangura kuyirabisha kubari baje gusenga.Tennessee Archives - Travel Addicts

Amsanamu ya kamera yo mu rusengero rw-abapentekote  rwaNashville Light Mission, rw-abarundi , vyabereyemwo yerekanye umurongozi warwo  Pasitori Ezekiyeli Emmanuel Nzojibwami asumira uwo Desiré Baganda amuturutse inyuma amufata amaboko yompi maze n-abandi baca bamwunganira  baramufata kugeza igihe igipolisi ishitse.

Igipolisi co muri Nashville cemeje ko Desiré Baganda w-imyaka 26 , ubu ari mu maboko yaco, akurikiranwa ivyaha 15  harimwo icaha co gushaka kugira nabi hakoreshejwe inkoho.