Kayanza (Matongo) : Igipolisi kimenyesha ko cishe abantu babiri kivuga ko ari abakora iterabwoba.

0

Igipolisi c-uburundi camenyesheje kuri uyu wa gatatu ko cishe abantu babiri , umwe arakomereka cane hamwe n-uyundi yafashwe. Vyabereye mu gice ca Kirwati muri Zone Ruganza, komine ni mu ntara ya Kayanza.May be an image of 3 people and outdoors

Nkuko amasanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yagiye avyerekana, nuko abo bantu babiri bishwe bari baboneka ko bari imiyabaga. Kandi bari bambaye impuzu za gisivire. Musitanteri wa komine Matongo nawene yemeje ayo makuru  y-abo bishwe. Ariko Alice Nsabiyumva ntiyashoboye kwishura ibibazo yarabajijwe n-abamenyeshamakuru bijanye n-abo bishwe.

Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano Petero Nkurikiye yashimye we kubimenyesha aciye ku rubuga rwa Whatsapp, aho yanditse uku :ˮIsamburwa ry-umurwi ukora iterabwoba mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu i Matongo (Kayanza) aho abakora iterabwoba babiri bishwe , umwe arakomereka cane , uwundi arafatwa. Umwe mu bajejwe intwaro hamwe n-umupolisi bakomerekejwe na gerenade yatewe n-uwo murwi igihe watana mu mitwe n-abajejwe umutekano‟

Umwe mu banyagihugu yabonye ivyabaye ariko atashimye kwivuga izina ku mvo z-umutekano yiganiye ikinyamakuru Sos Médias Burundi ko umwe mw-uwo murwi w-abantu bane ariwe yarafise gerenade maze igihe umukuru wa Zone Ruganza hamwe n-umupolisi bari babahagaritse niko guca yiturikirizako ca gisasu ntezwantoki , gica gikomeretsa abo babiri bari bahagaritse uwo murwi.  Abasirikare bo ku kirindiro cegereye aho vyabereye barikumwe n-igipolisi  nikwo guca bahashika maze baca bararasa batatu mw-uwo murwi.

Tubamenyeshe ko kuva kumusi w-Imana uheze, hari hiriwe urukurukuru mw-iyo zone ya Ruganza  ruvuga ko hari umurwi w-abitwaje ibirwanisho wahabonetse uvuye mw-ishamba cimeza rya Kibira wariko werekeza mu mitumba igize komine Matongo. Iyo zone ya Matongo ikaba itari kure cane ya komine Bukeye iri mu ntara ya Muramvya aho mu ndwi yarangiye abitwaje ibirwanisho babiri hamwe n-umusirikare umwe bishwe igihe hari itana mu mitwe hagati y-umuhari w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana hamwe n-abajejwe umutekano, bikaba vyabereye mu gace ka Rurarenda-Rwantsinda.  Nta wokwibagira mu ntango z-ukwezi kw-icumi  umusirikare w-ipete rya koroneri hamwe n-uwumucungera biciwe  mu karere ka Busangana  ni mw-iyo komine nyene ya Bukeye, mu ntara ya Muramvya.