Umurundi Leonce Ndikumana yahawe agashimwe k-abahinga n-abashakashatsi bo kurwego rwo kw-isi.

0

Umwarimu wa kaminuza ya Massachussets yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Leonce Ndikumana yahawe agashimwe ka ˮAndew Carnegie fellow‟ gahabwa abashakashatsi  n-abahinga bo k-urwego rwo kw-isi. Ako gashimwe yaraye ahawe ni umutahe wo gukora ubushakashatsi muvy-amagara y-abantu, ubutunzi n-ibindi.L'Afrique lourdement handicapée par les fuites de capitaux - Le Desk

Uwo mwarimu wa Kaminuza y-i Massachussets amenyesha ko ari iteka ridasanzwe ahejeje guterwa ndetse ko uwo mutahe ahawe agiye kuwukoresha m-ubushakashatsi muvy-ubutunzi  k-umugabane wa afrika kugira ngo ubutunzi buzamuke , afrika itungishwe n-ubutunzi bwayo ireke kuza irabaho kubw-amadeni isaba mu bindi bihugu vya rutura.

Tubamenyeshe ko prof. Leonce Ndikumana amaze kuterwa iteka incuro nyishi k-urwego mpuzamakungu aho yaheruka kuhabwa mu mwaka w-2019  igarade ikomeye bita ˮ distinguished professor‟ akaba ubu ari umuyobozi w-igisata kijejejwe ivy-iterambere muri afrika  mu kigo c-ubushakashatsi muri politike y-ubutunzi .