Ingabo za Leta 40 muri Myanmar Zishwe n’Umutwe wa Gisirikare Batanye mu mitwe.

0

Abasirikare b’igihugu ca Myanmar bagera kuri 40 bapfiriye mu ngwano yabaye ku munsi w’ejo 27/04/2021 n’uyu munsi muri Leta ya Kachin. Iyi ntambara yari ihuje ingabo za Leta n’iz’umutwe wa Gisirikare uvuga ko uharanira ubwigenge Yabereye mu gace ka Bhamo gaherereye muri Leta ya Kachin.

Umutwe wa Gisirikare uvuga ko uharanira ubwigenge muri Myanmar (Kachin Independence Army) KIA mu magambo avunaguye y’Icongereza, watangaje ko ku 27/04/2021 wakozanijeko n’ingabo za Leta.

Uwo mutwe KIA wavuze ko izi ngabo zatembagaje ubutegetsi muri Myanmar, kandi ko abasirikare bazo barwanira mu kirere babagavyeko ibitero umunani zibarasa zikoresheje ibibombe bitavuga. Hari amakuru avuga ko mu mirwano yabaye kuwa 28/04/2021 mu gitondo, aho abarwanyi ba KIA bagirako igitero kuri Batayo ya 58 iherereye hagati y’uduce tubiri twa Madein na Laban. Nyuma y’amasaha nka 2, hari ibindi bisasu bibiri vyarashwe n’ingabo za SAC ku musozi wa Salaung, n’ubundi uri mu karere ka Bhamo.

Iyo ngwano  ikomeje kubera mu duce twinshi two muri Leta ya Kachin. Ingabo z’uyu mutwe wa KIA zatangaje abantu babo bapfuye, ariko igisirikare ca Leta ntaco kiravuga ku baco baguye muri iyi mirwano.