Buganda=Ikiziga c-umukozi w-Imana aturuka mu gihugu ca Benin caratowe.

0

Izina ryiwe ni Pastori Pierre Frank Nyandaka , yarari umukozi w-Imana  aturuka mu gihugu ca Benin akaba yararongoye ishengero  Mission Evangelique au Burundi niwe yaraye atowe ari ikiziga  kuri uwu wakabiri ku nkengera y-uruzi Rusizi.Ni muri komine Buganda intara ya Cibitoke.Buganda : un Béninois tué - SOS Médias Burundi

Umupfasoni wa nyakwigendera yagiriza urwaruka rw-imbonerakure kwarirwo rwamuhekuye ni mugihe we, abana be n-umugabo wiwe bari bagarutse bava m-urugendo barimwo  rwo kuvuga ubutumwa mu bihugu vya afrika y-epfo no muri centrafrique.Nikwo gushika k-urusizi kuwa gatandatu uheze bategerezwa kurondera ababafasha kujabuka uruzi nikwo kwikora k-urwaruka rw-imbonerakure kuko zisanzwe zizi kwoga. Urwo rwaruka rw-imbonerakure rwaciye rubanza kujabutsa umugore n-abana b-uwo mu pasitori nawe  bamusiga hakurya. Mu nyuma baraheza baherekeza uwo muryango  w-uwo mu pasitori  gufata imodokari ibashitsa mu gisagara ca Bujumbura. Nikwo guca zigaruka za mbonerakure zigaruka kuraba wa mu pasitori Frank Nyankanda inyuma y-amasaha make.

Kubw-amakuru tukesha ikinyamakuru Sos medias Burundi kimenyesha ko kubera ko uwo mu pasitori izo mbonerakure zari zamubonanye amafranga menshi, aho kumujabutsa ngo zaciye ahubwo zihutira kumuniga zimurambika ku nkengera z-ikiyaga.

Umuryango w-umuhisi usaba ko izo mbonerakure zohagarikwa kuko ku bwabo ngo nta nkeka nizo zamwishe.

Tubamenyeshe ko ibiziga vyinshi biramaze gutorwa mw-ako karere kuva aho Leta ifatiye ingingo yo kwugara  imbibe zica mu mazi no kw-isi mu ntumbero yo gukinga irandagata ry-umugera wa Covid19 . Ico kibanza kikaba kicunzwe cane n-urwaruka rw-imbonerakure rudasiba kwagirizwa kwica, guhohotera ingenzi zijabuka  Rusizi hamwe no kuzinyaga ivyo ziba zitwaje.