UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umuririmvyi w’icamamare wo mu Rwanda Bruce Melodie arafunzwe aje gukoresha igiteramo i Burundi.

UBM News ads

Bruce Melodie , Umwe mu baririmvyi basanzwe bafata nk’icamamare mu muziki mu Rwanda afungiwe i Burundi ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura ni kuva ku kagoroba ko kuri uyu wa gatatu , ni mugihe yaraje gukoresha igiteramo cobaye kuri uyu wa gatanu hamwe no kuwa gatandatu. Ubushikiranganji bw’umutekano bw’uburundi busigura ko uwo muririmvyi apfunzwe kubera akekwa ku caha co kwiba hakoreshejwe uruyeri.

Nkuko vyandikwa n’ibinyamakuru bitandukanye, nuko mu mwaka wa 2018, uwo muririmvyi yahawe n’umurwizatunga w’umurundi yitwa Toussaint Bankuwiha amadorare y’abanyamerika angana 2000 hamwe n’ayandi mafaranga abarizwa kuri miriyoni z’amarundi hari ku giteramo yarafise i Bujumbura ariko kihava kiburizwamwo n’abategetsi b’uburundi. Maze ayo mafaranga ntiyaba akiyasubiza uwo murwizatunga asanzwe ategura ibiteramo kubera ko «bitamuvyeko» nkuko bivurwa na bamwe mu bagenziwe b’uburundi batashimye ko amazina yabo ashirwa ahabona.
Mu mwaka wa 2021, Bruce Melodie yarageraje kuza gukorera ibiteramo mu Burundi arikumwe n’abandi bagenzi we babiri ariko ntiyongera kugirirwa kandi amahirwe yo kuza mu Burundi. Imvo abategetsi b’uburundi batanze ni iyerekeye ko ari ukwikingira ikiza ca Covid-19 ko ata bantu baje bava mu bindi bihugu vyarimwo cane uwo mugera bemerewe kwinjira ku butaka bw’ubutaka bw’uburundi.
Abajijwe n’iradiyo y’abongereza BBC, Jean-Pierre Nimbona benshi bazi kw’izina rya Kidumu Umuririmvyi w’umurundi nawene afatwa nk’icamamare mu muziki asigura ko ikibazo kiri hagati ya Bruce n’uwo murwizatunga cari gukemurwa mu bundi buryo. Kidumu akagira amakenga ku bijanye n’ivyo shobora gushikira ibihugu bibiri bibanyi vy’uburundi n’urwanda. «Ibi bintu bishobora kuzana ‘incident diplomatique’ hagati y’ibihugu vyariko bivugana neza kubivyerekeye» Niko Jean-Pierre Nimbona yabwiye bagenzi bacu ba radiyo BBC.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye yabwiye iradiyo BBC ko Bruce Melodie atazokora ibiteramo afise i Bujumbura mu mpera z’iy’indwi turimwo mu gihe agifise ivyaha akwirikiranwako.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments