Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsRumonge: Umuntu yiyimitse yiyita ko abaye umwami w'i Burundi yahagaritswe arikumwe n'abayoboke...

Rumonge: Umuntu yiyimitse yiyita ko abaye umwami w’i Burundi yahagaritswe arikumwe n’abayoboke biwe.

Uwitwa Muhimpundu Lambert yahagaritswe n’igipolisi kubera yiyimitse maze yiyita ko abaye umwami w’uburundi. Akaba yahagaritswe arikumwe n’abayoboke biwe 19 hari mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira uwa gatatu , ku musozi wa Karonke , zone Minago muri komine n’intara ya Rumonge. Abo 19 bahagaritswe bagirizwa kugumuka kubera barikumwe n’umuntu yiyimitse akemeza ko abaye umwami w’uburundi.

Nkuko bivurwa n’abanyagihugu begereye ahabereye uwo mugirwa wo kwimika uwo Muhimpundu , Nuko ku musi w’Imana Uwo mugabo yemeje ko intwaro ziriho iki gihe zivanyweho kandi zisubirijwe n’intwaro ya cami.
Abo bayoboke ba Muhimpundu Lambert bakaba bafatanywe ibikoresho birimwo ibimito vyo kwirarira , amakanzu hamwe n’intebe y’uwo yiyimitse nk’umwami. Bose bakaba baciye bajanwa kuri uyu wa gatatu ku murwa mukuru wa politike w’i Bujumbura mu ntumbero y’amatohoza.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments