Imvugo imaze imisi ikoreshwa na bamwe mu bategetsi b’uburundi ku bijanye no kuvuga ururimi rw’igifaransa ishobora kujuragiza abarundi hamwe no guca intege na cane cane urwaruka ruri ku ntebe y’ishure ntibasubire kwiga urwo rurimi .Abo bategetsi basa na bagomba kwereka abarundi ko kumenya urwo rurimi mvamakungu atariko gukira mu buzima.
Mu mubonano aheruka kugirana n’abarundi baba mu mahanga mu ntara ya Ngozi, umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko abarundi ni ari abambere bata umwanya munini mukwumviriza ko umuntu yavuze neza igifaransa neza kandi batokirya mu gihe boba bashonje. Perezida Ndayishimiye yabivuze uku :«Ni nkuko jewe utoza kumbwira ngo urumva utegerezwa kuvuga ururimi neza , utegerezwa kuvuga igifaransa neza,utegerezwa kuvuga icongereza neza, abarundi nibo bambere bagutwenga! abarundi nico gihugu ca mbere bata umwanya munini mukwumviriza ko uriko uvuga igifaransa neza, urakirya ?»
Inyuma yaho naho , Emmanuel Nsinzohagera arongoye inama nkenguzamateka y’uburundi mw’ijambo yariko ashikiriza ku musi mukuru wahariwe amakomine mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro muri Komine Isare mu ntara ya Bujumbura nawe yagize ati :«Rwaruka muri hano mureke kuvuga ibifaransa birebire nka Donc, Au fait, D’ailleurs, ivyo ntibabirya!»
Kuri ayo majambo yashikirijwe n’abo bategetsi, Charles Nditije akaba n’umuhinga muvy’uburezi kubwiwe abonako izo mvugo z’abategetsi bari kw’isonga ry’igihugu zishobora gutuma abantu na cane cane abanyeshure baca bafata minenerwe urwo rurimi nanyarirya ari ururimi rukoreshwa mu bisata bitari bike vy’igihugu. Nditije ati :« ururimi rw’igifaransa ni ururimi rukoreshwa mu buzi bwa Leta bwose, ni uririmi bita ‘langue officielle’. Ata gifaransa uzi ntaco ushobora kumenya naho woba uzi ibiharuro, canke imyuga. Ico nohanura abo bategetsi ni uko bovavanura n’iyo mvugo isuzugura urwo rurimi rw’igifaransa kuko ni isuka bakoresha kuko ivyo basoma ,bandika biri mu gifaransa»
Recent Comments