Umuririmvyi Rurangiranwa Beyonce, Afadikanije na UNICEF, Agiye kuronsa Amazi Meza Abana Bo Mu Burundi.

0

Ishirahamwe rya ONU ryitaho abana kwisi ryamenyesheje ejo ku musi wa gatanu itariki 30 za Ruheshi 2017 ko Umuririmvyi rurangiranwa aririmba indirimbo zo mu bwoko bwa Pop, ava mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, ariko akoresha ububasha bwiwe bwo kuba rurangiranwa kugira azane amazi meza ku bana abo mu Burundi, afadikanije n’Ishirahamwe ryitaho abana kwisi UNICEF.

Imigambi yose izokorwa biciye ku mugambi Beyonce yatanguje yise BEYGOOD4BURUNDI mu kwubaka amariba hamwe no kuryohora ibijanye n’inyigisho zijanye n’isuku, amazi meza mu masomero, niko Beyonce na UNICEF bamenyesheje ku mbuga zabo ngurukanabumenyi.

Abantu babiri muri batanu mu Burundi nta mazi meza bafise, hama ingwara ziva kwisuku rike ziri mu ziza imbere mu guhitana ubuzima bw’abana mu gihugu c’Uburundi gifise abantu imiliyoni 12, niko babandanya bavuga.

Beyonce arikumwe n’umugabo wiwe Jay Z.

Nkuko UNICEF ibimenyesha, umwe mu bana 12 arapfa imbere yuko akwiza imyaka 12. Beyonce, ubu afise imyaka 35, mwitanagzo ryiwe yamenyesheje ati: “Kuronka amazi meza ni igihambaye mu Buzima bw’umuntu. Igihe uhaye amazi meza abana, ntuba ubahaye ubuzima gusa, uba ubahaye n’amagara, indero hamwe na kazoza keza”.

Beyonce yamenyesheje ko abantu barenga imiliyoni 2 mu Burundi bamara umwanyau renga iminota 30 bariko barondera amazi, ivyo bigatuma abana basiba kw’ishure, maze na cane cane abana b’abakobwa bakaba aribo bashirwa imbere mu kurondera ayo mazi aho bagenda ibilometero bitari bike barondera amariba bashobora gukuramwo amazi.

Umwe mu baririmvyi ba rurangiranwa cane mwisi, Beyonce, aramaze kugurisha ama albums yindirimbo ziwe arenga imiliyoni ijana ariwe nyene, akaba afise abana batatu, harimwo amahasa aheruka kuvuka mu ntango z’ukwezi twaraye turangije, ari kumwe n’umugabo wiwe akongera akaba umugwizatunga rurangiranwa mwisi, Jay Z.

Intango yico gikorwa co gukwiza amazi mu Burundi ikazoba kwubaka amariba mashasha afise ama pompes ayasunika, inyigisho zijanye n’isuku, hamwe no kuryohora ibibanza bikurwamwo amazi mu ma komine ane nyamukuru ariyo ya Bukemba na Giharo y’intara ya Rutana, Kinyinya na Nyabitsinda y’intara ya Ruyigi.