Umuririmvyi rurangiranwa Nimbona Jean-Pierre benshi bazi kw’izina rya KIDUMU asabwa kuriha imiriyoni 40 z’amarundi ku ndirimbo yiswe “Intimba y’urukundo” yasubiyemwo bivurwa ko atari rwiwe. Uwitwa Gerard Bukuru batazira Bucky John niwe avuga ko iyo ndirimbo yayisohoye mu mwaka wa 1998 maze umuririmvyi Kidumu arikumwe na Cedric baca basubiramwo ndetse basohora “Intimba y’urukundo” mu mwaka wa 2003.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Iwacu , Gerard Bukuru asaba Kidumu imiriyoni 40 z’amarundi kuba yarasubiyemwo iyo ndirimbo “ata ruhusha abifitiye”.
Bukuru agira ati :”Ikimbabaza nuko nahuye na Kidumu , dusanzwe tunazinanyi cane , turayaga. Yambwiyeko yari azi ahubwo ko napfuye. Yaranyemereye kuzompa indishi y’akababaro kuko nari naramwumvishije ko yasubiyemwo indirimbo yanje ata ruhusha abifitiye . yahavuye anyemerera kuzonkorera indirimbo mu mahera yiwe I Nairobi kugira bihere biheze. Ariko, ivyo ntavyo yakoze . Ahubwo yaciye abandanya yikorera indirimbo n’abandi baririmvyi, jewe aranyibagira. Nico gituma ubu negereye ubutungane . Ico kibazo kiri mu minwe yabwo”
Umuririmvyi KIDUMU avuga ko ata kibazo bafitaniye na Gerard Bukuru ndetse ko ata rubanza nyezina ruhari.Kw’iyo ndirimbo Bukuru avuga ko yasubiwemwo, Kidumu agira ati :”N’iyo ndirimbo avuga ntizwi n’ikigo kijejwe gukurikirana ibikorwa mvabwenge, OBDA”
KIDUMU abandanya asigura ko “ahubwo iyo ndirimbo ari iy’umurwi witwa Imvumero. Agira ati :”Nanje nari mu murwi Imvumero co kimwe na Gerard Bukuru.Rero, indirimbo zakorwa n’abari muri iyo mirwi , ntizitirirwa abazikoze ku gatwe kabo”
Ubu, Urwo rubanzarukaba ruri mu minwe ya sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwa , mu gisagara ca Bujumbura. Bukuru akaba afise icizere ko yiteze gutunganirizwa n’iyo sentare.