Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsPerezida Poutine yasohorewe umutahe na CPI wokumufata ku vyaha vyo mu...

Perezida Poutine yasohorewe umutahe na CPI wokumufata ku vyaha vyo mu ntambara bikorwa muri Ukraine.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yasohoye kuri uyu wa gatanu impapuro zo guta muri yompi Umukuru w’igihugu c’uburusiya Vladmir Poutine kubera uruhara yagize mu vyaha vyo mu ntambara bikorwa mu gihugu ca Ukraine.

Mw’itangazo CPI yashize ahabona kuri uyu wa gatanu, ivuga ko ” Vladmir Poutine yagirizwa ku caha co mu ntambara co kwiba abanyagihugu, ni ukuvuga abana mu bice vya Ukraine uburusiya bwigaruriye hamwe rero no kubajana nk’abanyagano mu burusiya”.

Uretse Perezida Poutine, CPI yasohoye n’impapuro zo guta muri yompi umugore yitwa Maria Alekseyevna Lvova-Belova, asanzwe ari komiseri ajejwe ibibazo vy’agateka k’umwana mu biro kwa perezida Poutine. Nawe akaba yagirizwa ivyaha bimwe na Perezida Vladmir Poutine.

Ariko, CPI isigura ko izo mpapuro ivuga zikiri ibanga ku mpamvu z’umutekano w’abahohotewe, uw’abashinga intahe hamwe n’uw’amatohoza muri rusangi akibandanya.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments