Thursday, March 30, 2023
HomeInternational newsRDC: Abasirikare b’uburundi bari muri EACRF batanguye kugenzura bimwe mu bice M23...

RDC: Abasirikare b’uburundi bari muri EACRF batanguye kugenzura bimwe mu bice M23 yari yarafashe i Masisi.

Abasirikare b’uburundi bari mu murwi w’abasirikare bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, EACRF, batanguye kugenzura bimwe mu bice umuhari M23 urwanya Leta ya Congo wari warafashe muri teritwari ya Masisi, mu ntara ya Kivu y’uburaruko ni mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ivyo bice izo ngabo z’uburundi zatanguye kugenzura kuri uyu wa gatatu ni :Sake, Busangara, Kingi, Kabati na Kilolirwe. Zatanguye kubigenzura inyuma y’urugendo rwakozwe kuri uyu wa kabiri n’ubuyobozi bwa EACRF burongowe n’umunyakenya Maj.Gen.Jeff Nyagah.Ubwo buyobozi bwa EACRF bwakoze urwo rugendo bugenzura nyimba abarwanyi ba M23 boba baravuye mw’ivyo bice.

Bikaba vyitezwe ko abarwanyi ba M23 bagiye kubandanya barekura ibindi bice bafashe maze bakajanwa kwegeranirizwa mu kibanza c’imfatakibanza kiri hafi y’ikirunga ca Sabyinyo mugihe bazoba barindiye kuja mu biganiro bibahuza na Leta ya Congo.

Must Read