Umuririmvyi Karim Babel yaronse ubufasha kugira yivuze amafyigo

0

Ni kur’uyu wa kane itariki 19 munyonyo 2020, niho umuryango w’umuririmvyi Karim Babel Ndikumana afise imyaka 24 yagiye abona abana b’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, barikumwe n’abana b’umugwizatunga Adrien Ntigacika batazira Ziranotse baje kubasuhuza kuva aho uwo muririmvyi amaze amezi atandatu agwariye mu bitaro vy’Abasirikare vyo mu mu Kamenge. Akaba agwaye amafyigo atagikora neza arinda gushirwamwo ivyuma mukuyayungurura.

Abaganga bino m’Uburundi bakaba baragerageje kumuvura ariko bakaba babwiye umuryango wa Karim Babel ko yorondera uburyo bungana imilioni 60 z’amarundi angana amadolari ibihumbi 20 kugira aje kwiteza amafyigo yandi asubire agire ubuzima.

Umuryango wa Karim Babel ukaba waratereje urahebura kuko ayo mahera ni menshi narirya kugira boze amafyigo ya Karim Babel bisaba ibihumbi amajana atanu vy’amarundi ku ncuro imwe canke zibiri.

Aba bana babategetsi bakaba bazanye igice cayo mahera asabwa, imilioni 30, bakamenyesha nayandi ashobora kuboneka vuba uyu muririmvyi akavuzwa. Benshi kumbuga ngurukana bumenyi bakaba bashimye uwo mutima wabo bana wo gufasha abari mu ngorane.