Inyuma yo kwugurura ikibuga c’indege, 16 nibo basanzwemwo Coronavirus

0

Inyuma yo kwugurura ikibuga c’indege ca Bujumbura, abantu 16 binjiye Uburundi bavuye hanze  nibo basanzwemwo Coronavirus kuva ikibuga c’indege cuguruwe ku wa 8 Munyonyo 2020, niko umushikiranganji w’amagara y’Abantu, Thadee Ndikumana avuga.

“Nk’akarorero, ku ngenzi zaje ziva hanze zishika 39, twasanzemwo abarwaye umugera wa Coronavirus bashika kuri 10”, niko Thadee Ndikumana yatangaje ejo ku musi wa gatatu.

Ku bijanye n’uko abaza mu Burundi berekana urupapuro rwerekana ko ata mugera wa Coronavirus bafise, Thadee Ndikumana avuga ko benshi mu bafata ingendo bakunze gukoresha ubusuma n’igiturure kugira baronke urwo rukaratasi bitagoranaye maze bakaza badapimwe.

 

Thadee Ndikumana akaba avuga ko Uburundi bwamaze kubimeneysha amakompanyi y’indege z’ingenzi kandi ko reta ya Ndayishimiye ishobora gufata ibihano binaka kuri abo basanga barwaye basanzwe bafise izo nkaratasi zerekana ko binjiye indege barwaye.

Thadee Ndikumana aravuga kandi ko hari nabinjira mu gihugu c’Uburundi bagapimwa bagasanga nta mugera wa Corona bafise ariko haheze igihe nk’indwi imwe gusa ugasanga barafise uwo mugera haheze ca kiringo co kurindira(periode d’incubation).

Umushikiranganji Thadee Ndikumna akaba yahamagariye Abarundi kubandanya birinda ico kiza mu gukurikiza ingingo zo kwirinda Koronaviris nko gukaraba kenshi gashoboka n’isabuni canke umuti wica imigera.

Gushika iyi saha, Uburundi bumaze gupima abantu bashika ku 642 banduye ico kiza ca Coronavirus kiriko gisasika inganda mu bihugu vya Buraya na Amerika.