Umuporisi yagirizwa gushurashuza umukehabwenge yaciriwe urubanza

0

Sentare nkuru y’Igihugu ya Rutana, mu rubanza rw’ikibiriraho,ihejeje guhanisha(umuporisi) APC NGENDAKUMANA Ildephonse umunyororo w’impaga w’imyaka mirongo ibiri n’itanu n’ihadabu ry’amafranga ibihumbi amajana abiri (25ans de spp et 200000Frs d’amende).

Muri urwo rubanza, Sentare nkuru ya Rutana yafashe ingingo ko uwo muporisi adatanze ayo mafaranga y’ihadabu azoca apfungwa umunyororo uyasubirira w’amezi atandatu.

Umuporisi APC NGENDAKUMANA Ildephonse yagiriwe n’icaha c’ugushurashuza umukehabwenge.