Abarundi bane bagumijweko ibihano n’ubumwe bwa Buraya

0

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Burya ryasohoye itangazo kuri uwu musi wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 ko Inama Nkuru y’Ishirahamwe rya Buraya yahisemwo kubandanya igumijeho ibihano iryo Shirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryafatiye Uburundi gushika kuwa 31 Gitugutu 2019.

Nk’uko iryo tangazo ryashizwe ahabona rivyerekana, izo ngingo Ubumwe bwa Buraya zafatiye Uburundi harimwo ukubuzwa guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Ubumwe bwa Buraya hamwe no gufata ubutunzi bw’abantu bane abo ibikorwa vyabo vyabonetse ko vyahungabanije agateka ka zina muntu canke ibikorwa vyabo vyabaye intambamyi ku gutorerwa umuti ikibazo c’Uburundi. Ivyo bikorwa bagirizwa harimwo ivyo guhohotera, gucinyiza canke gutuma abandi bahohoterwa.

Nk’uko Ubumwe bwa Buraya bwabimyesheje, ayo mazina ane y’abo bantu ni Godefroid BIZIMANA, Gervais NDIRAKOBUCA, batazira NDAKUGARIKA, Mathias/Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU, hamwe na Leonard NGENDAKUMANA.

Ubumwe bwa Buraya burabandanya bumenyesha ko burajwe ishinga cane n’inkuru zibandanya zija ahabona z’ubwicanyi ndengerabutungane, ihagarikwa hamwe no kunyuruzwa abantu bakaburirwa irengero, aho harimwo ugufatwa ku nguvu kuva muri Ndamukiza 2015. Ubumwe bwa Buraya ntibuhagarika guhamagarira impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi kwigumya maze birinde ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu.