Umuhuza MKAPA yahisemwo gutanguza ibiganiro Reta y’Uburundi idaserukiwe

0

Ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze y’Uburundi ku ncuro ya gatanu bihejeje kwugururwa ku mugaragaro kuri uwu wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko tubikesha Anicet NIYONKURU ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ivyo biganiro bitangujwe mu gihe Reta y’Uburundi, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD FDD hamwe n’imigambwe icuditse n’ubutegetsi itaserukiwe muri ivyo biganiro. Mu nsiguro zatanzwe, Reta y’Uburundi hamwe n’umugambwe CNDD FDD bavuze ko bipfuza ko ivyo biganiro vyoshirwa ku rindi sango, kuko ukwezi kw’icumi mu Burundi ari ukw’ikigandaro c’ukwibuka incungu ya Demokarasi umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior hamwe n’incungu y’ukwikukira umuganwa Rudoviko RWAGASORE, bompi bagandaguwe ku kwezi kw’icumi.

Ku ruhande rw’umuhuza, bavuga ko bari bakoze ibishoboka vyose kugira Reta y’Uburundi iserukirwe, aho akaba ari mu gihe isango rya mbere ryari guhurirana n’umunsi umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yagandagurwa kw’igenekereo rya 21 Gitugutu ryigijwe inyuma, ibiganiro bishirwa inyuma y’iryo genekerezo, kuri uwu wa 24 Gitugutu 2018.

Karori NDITIJE, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi wo mu runani CNARED amenyesha ko kubona Reta y’Uburundi itaserukiwe muri ivyo biganiro, ko ari ikimenyetso ko abarongoye Uburundi badashaka kwicarana n’abo batavuga rumwe, kugira indyane za poritike ziri mu Burundi zitorerwe inyishu.

Ivyo biganiro biriko bibera mw’ihoteri Ngurdoto Mountain Lodge iri mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya.