UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umupolisi w’ipete rya «caporal chef» akaba ari n’umukozi w’Imana arafunzwe inyuma yo kwiyamiriza ku mugaragaro ibiturire biribwa n’abagenzi we.

UBM News ads

Umupolisi w’ipete rya «caporal chef» akaba ari n’umukozi w’Imana arafunzwe inyuma yo kwiyamiriza ku mugaragaro ibiturire biribwa n’abagenzi we. Jérôme Niyonkuru akaba yaheruka kugaragara mu butumwa bwa video ariko yiyamiriza abapolisi bagenzi we barya ibiturire. Akaba yavuze ko abasaba ico giturire bariko bikwegera imivumo.

Uwo mu polisi w’ipete ryo hasi akaba akwije imisi itanu apfungiwe mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi kiri mw’ijabe mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uyu wa mbere, akaba yararengutse irya mbere kuva ahagaritswe ku mus iwa gatanu uheze. Umupolisi Niyonkuru akaba yanditsweko icaha co «gutyoza inzego z’igihugu».

Imbere yo gufatwa agapfungwa, bagenzi ba Caporal chef de police Jérôme Niyonkuru bavuga ko yafashwe ajanwa mu bitaro vy’abarwaye mu mutwe benshi bita kwa «Legentil» kugira bamusuzume neza ko yoba akomeye neza mu mutwe kuvyo yaramaze imisi avuga ko Imana yamutumye kuburira bagenziwe kuko Imana itemera na gato abo barya ibiturire ko ndetse bariko bikwegera imivumo. Ariko ngo bakaba basanze Niyonkuru akomeye neza ariko guca bamujana kumupfunga. Ikindi bagenzi ba caporal chef de police Niyonkuru bavuga n’uko ngo asanzwe ari umupolisi akijijwe cane ndetse akaba yaranarangurira ubutumwa bw’ijambo ry’Imana ku rusengero rwa pentekote ruri ku Ntahangwa, ni mu gisagara ca Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments