Inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi riheruka kuba mu gihugu ca Niger, Abakenguzamateka 94 b’ubufaransa barandikiye ikete perezida w’ubufaransa Emmanuel Macron aho babajwe no kubona ubufaransa bwarananiwe n’ibikorwa vya gisirikare vyo gutuza imirwi y’iterabwoba muri bimwe mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengerazuba bise «opération Barkhane» hamwe rero n’uko igihugu cabo gisa nikiriko gifudika ku mugabane wa Afrika nayo uburusiya bugatera bwinjira bwifashishije umurwi wa wagner. Abo bakenguzamateka bagasaba Perezida Macron kwongereza iyindi mikenyuro.
«Uno musi ni Niger, ejo hari Mali, centrafrika na Burkinafaso aho ivyo bihugu vyose vyahevye gukorana n’ubufaransa. Aha turavuga nko kuvavanura gukorana n’ingabo z’ubufaransa hamwe no guheba amahinguriro yegukira ubufaransa» niko berekanye abakenguzamateka baserukiye abandi aribo: Roger Karoutchi, Bruno Retailleau na Christian Cambon mw’ikete bandikiye Perezida Emmanuel Macron maze rishirwa ahabona n’ikinyamakuru Le Figaro kuwa 7 Myandagaro 2023.
«Inyuma yaho ibikorwa vya Barkhane binaniriwe, raba ubu ni abacangero b’uburusiya ba wagner tusanzwe tuziko bari mu bahungabanga agateka ka zina muntu co kimwe na demokarasi bariko baboneka ahatari hake mu bihugu birongowe n’abakuru b’ibihugu batwaza igikenye bagaca baja hamwe n’abanyagihugu babo kugira banke urunuka igihugu cabakoronije kera» Niko babandanya berekana impungenge Karoutchi , Retailleau na Combon basanzwe bafise amabanga akwikirana uku:umwe ni icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka ajejwe ibibazo vy’imigenderanire n’ayandi makungu, uyundi nawe ni uwurongoye umurwi w’aba republikani mu nama nkenguzamateka hamwe rero n’uwurongoye umurwi wiga ibibazo vy’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’ivya gisirikare.
Nkuko tubikesha iradiyo y’abafaransa RFI, Leta y’ubufaransa ngo ntiyemera ariko ko yananiwe mu bikorwa vya gisirikare vya Barkhane. «Nsinshobora kureka ngo nemeze ko Barkhane yananiwe» niko umushikiranganji wo kwivuna abansi w’ubufaransa Sébastien Lecornu yamenyesheje mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere mw’ijoro . Sébastien Lecornu arongera ati:«Igisirikare cacu nticigeze gihagarika gukora ibishoboka vyose kugira gisubize inyuma imirwi y’abihevyi b’aba Djihadiste, ndetse kirokora ubuzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi harimwo n’abafaransa bari babangamiwe n’ibitero vy’abihevyi ku butaka bwacu,(…) Barkhane ntiyananiwe : iryo ni ikosa kuba mu bivuze ukwo».
Recent Comments