UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abashikiranganji ba Leta y’uburundi ntibabona kumwe imvo zituma isukari n’igitoro bikena mu Burundi.

UBM News ads

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko igitoro n’isukari biboneka ko bikenye mu gihugu kubera itunganywa ribi ry’ukubishikana ku banyagihugu.Mugenzi we w’ubushikiranganji bw’ubudandaji, Marie-Chantal Nijimbere we abona ko nyabuna ivyo bidandazwa bikena bitewe n’umwimbu muke hamwe n’ibura ry’amafaranga mvamakungu mu Burundi. Abo bose bakaba babivugiye mu nama yo kuri uyu wa mbere yari yatumiwemwo ba buramatari kugira bige ingorane y’ikena ry’ibidandazwa vya nkenerwa mu gihugu.

Umushikiranganji Martino Ninteretse yagize ati: «Biravurwa nivyo ko ibiyeri bisanzwe bikorwa na BRARUDI, isukari canke isima biboneka bidakwiye mugabo naho vyoboneka bikwiye bitangwa mu kajagari ntaco vyoba bimaze.Twopfuma tubibura vyose bitangwa mw’ako kajagari.Mu nama ba buramatari twagiranye , bambwiye ko ikibazo c’isukari n’igitoro ngo nuko ari gike, oya ikibazo si ubuke, ikibazo ni indinganizo y’ingene gishikira abenegihugu»
Ku rundi ruhande, umushikiranganji w’ubudandaji Marie-Chantal Nijimbere wewe abona ko ingorane ihagaze ahanini ku mwimbu muke no kwikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu c’uburundi.

«…si agaseseshwa rumuri nivyo intambamyi zimwe zimwe zirahari, mugabo iyo hagiyemwo uruhara rw’abajejwe intwaro biraheza bikagenda neza. (…) muze rero tubikore ku neza y’abanyagihugu uwuhingura ahingure agororokewe, adandaze ibidandazwa vyiwe mu muco hama abajejwe intwaro baze tuje muri rénumeration ntituze twirukanga inyuma umupfuko umwe w’isima , w’isukari,… twebwe twiruke no kurwiza umwimbu kugira dushobore kuronka y’amafaranga mvamakungu , nayo ivyo bitagenze gutyo, amafaranga mvamakungu twipfuza , ntayo dushobora kuronka kuko nta mwimbu tuzoba dufise» Niko Marie-Chantal Nijimbere yavuze.

Tubamenyeshe ko ibidandazwa nk’ibinyobwa vya BRARUDI, isima ihingurwa n’ishirahamwe BUCECO hamwe n’isukari ya SOSUMO bimaze igihe kinini biza biboneka nabi mu gihugu c’uburundi. Ibiza bibabaza abaguzi ndetse bakabona ko Leta isa n’iyananiwe burundu kw’ico kibazo. Abize ivy’ubutunzi bo babona ko iryo kena ry’ivyo bidandazwa biterwa no kubura amafaranga y’agaciro, amafaranga Leta yagiye ibura kuva mu 2016 inyuma yaho ifatiwe ibihano vy’ubutunzi na bimwe mu bihugu vyari bisanzwe bifasha uburundi bitewe n’ikiringo ca gatatu umuhisi Perezida Nkurunziza yihagiye ku nguvu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments