Umupfakazi Anésie Hakizimana asaba Ambasaderi Isidore Mbayahaga kumusubiza amadorari y-abanyamerika 5800.

0

Umupfakazi Anésie Hakizimana asaba Ambasaderi Isidore Mbayahaga kumusubiza amadorari  y-abanyamerika 5800.

Mu masengesho yatunganijwe na CNDD-FDD pasitori MBAYAHAGA yasavye  abagumyabanga kuwigenza nk'inkona - YouTube

Umupfakazi w-abana batandatu azwi kw-izina rya Anésie Hakizimana asaba Ambasaderi Isidore Mbayahaga yahoze ari umuyobozi w-ubudandaji mw-ishirahamwe ONATEL , ko yomusubiza amadorari y-abanyamerika angana 5800. Nkuko biboneka ku rupapuro rw-amasezerano Mbayahaga yateyeko umukono, ayo mafaranga yayahawe n-umuhisi Mathias Haranungarawe, umugabo wa Anesie Hakizimana hari mu kwezi kwa Rusama 2014 kugira amugurire ikibanza co kwubakamwo (parcelle) kiri muri karitiye ya Kiyange, muri zone ya Buterere,  mu gisagara ca Bujumbura.

Nkuko vyiganwa n-uwo mupfakazi, Kuva umugabo wiwe Mathias Haranungarawe  yitavye Imana, Mbayahaga ntiyigeze ashaka kuvugana n-umuryango usigaye kugira abasubize ayo mafaranga canke abasubize ico kibanza. « Naramuhamagaye nongera ndamutumako nukuri ntiyigeze ashaka ko tuganira kandi adufitiye ideni ry-amafaranga atari make cane»  Niko Anésie Hakizimana avuga.

Uwo muryango w-umuhisi Mathias Haranungarawe usaba abaharanira agateka k-abana hamwe n-akabapfakazi kubafasha kugira impfuvyi zishobore kuronka ikizitunga