Perezida Ndayishimiye agabisha abategetsi bimonogoje mu gukora ivyaha ko igihe co kubahana cageze.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye aragabisha abategetsi bimonogoje mu gukora ivyaha ko igihe co kubahana cageze kandi ko atawuzomutera ubwoba kuko arikumwe n-Imana. Perezida Ndayishimiye yabitangaje mu gihe hariko hasozerwa igikorane mpuzamadini  c-imisi itatu cari catunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD ku murwa mukuru w-intara ya Gitega.Image

Perezida Ndayishimiye yabivuze uku :« kuberiki indongozi zirya ibiturire kandi zihembwa? Irya ni shetani yatwiziziye ! Nari maze igihe ndiko ndavyiga n-Imana imfasha kuvyiga ndaba, ku mwaka ubu , du controla utinjije ucutaha tuzana abandi gushika aho tuzoronka abungere beza.  Umuntu wese afise amabanga abimenye ko ubu ari uguhaguruka . Ijambo ry-Imana rivuga ngo «ntugire ubwoba»  nzobikora, na rwa rwaruka rwambwiye ngo nsingire ubwoba. Yemwe ntawuzontera ubwoba , nka jewe uwo ntera ubwoba yoba yihenze, nzi yuko ndi kumwe n-Imana  nkaba nzi ivyo yanshishijemwo, utu tw-ubuyi nitwo itomfasha?»

Umukuru w-igihugu c-uburundi avuga kandi ko ivyago vyabaye ku gihugu c-uburundi ari umugambi w-Imana  nkuko vyabaye ku gihugu ca Isirayeli  mu bihe vya kahise. « Twe mu Burundi twarigeze kutamenya iyo tuja, Imana yararetse biraba kugira koko ibone ingene twebwe tubona uko ari Imana ikomeye. Muribuka abanye Isirayeli ingene Imana yabacishije mu magume kugira irabe yuko koko  bazoguma bayizigiye. Abagumyabanga mwame mugavye mumenye yuko ibigeragezo bishobora gushika» Niko  Perezida Varisito Ndayishimiye yabandanije asigura.