Human Rights Watch isaba amatohoza ku cateye umuriro wahitanye abanyororo mw-ibohero rya Gitega.

0

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw-isi Human Rights Watch  rimenyesha ko hakwiye amatohoza kugira hamenyekane icateye umuriro wahitanye abanyororo bo mw-ibohero rikuru rya Gitega hari kw-igenekerezo rya 7 Kigarama 2021. Biri mu rwandiko iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa 24 Nzero 2022. Lewis Mudge arongoye iryo shirahamwe ku mugabane wa Afrika yo hagati amenyesha ko kubona hafi amezi abiri agire ahere ata kuri kuramenyekana ku bitigiri nyezina hamwe n-umwidondoro w-abahitanywe n-uwo muriro, bituma ababuze ababo bama mu mubabaro n-agahinda .Burundi: Abantu 38 bishwe n'inkongi yafashe Gereza ya Gitega - IGIHE.com

Nkuko biri mw-urwo rwandiko, Leta y-uburundi ngo ntiyigeze ikora amatohoza kugira hamenyekane icateye uwo muriro , icatumye ukwiragira, ingene abarongoye ibohero rya Gitega bavyifashemwo hamwe n-icatumye abo banyororo badatabarwa . Ayo matohoza yotumye kandi hamenyekana igitigiri c-abahitanywe n-uwo muriro, amazina yabo hamwe n-abakomeretse. Vyotumye kandi abagirizwa ico caha bamenyekana hama bakarengutswa imbere y-ubutungane . Leta y-uburundi ngo rero irakwiye gushira ku mugaragaro abahitanywe n-uwo muriro maze imiryango yabo igashumbushwa., abakomeretse nabo bakavurwa .

Kubwa Lewis Mudge arongoye Human Rights Watch mu bihugu vya Afrika yo hagati, avuga ko kubona Leta itaratanga umuco kuvyabaye, amazina y-abahapfiriye vyongereza umubabaro n-agahinda ku miryango y-ababuze ababo. Ikindi urwo rwandiko ruvuga, nuko hakwiye gukwirikiza amategeko mpuzamakungu abanyororo bagakingirwa. Imiryango nayo yabuze ikwiye gufatwa mu mugongo igakwirikiranira hafi amadosiye bishitse Leta ikagirwa n-icaha igashumbusha iyo miryango.