Umunyeshure yishwe n’inkoni yakubiswe n’umwigisha wiwe

0

Umubabaro ni mwinshi mu muryango w’umwana Cédric Bigirimana yitavye Imana kuri uwu wa kane, bivuye ku nkoni yakubiswe n’uwigisha wiwe Matayo MBARUSHIMANA yigisha kw’ishure shingiro rya Bihanga riri mu ntara ya Gitega.

Cédric Bigirimana yakubiswe inkoni nyinshi ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, umwigisha wiwe akaba yamuhoye ko yariko aravuga mw’ishure.

Izo nkoni yakubiswe zamuvunye uruti rw’umugongo, aca ajanwa mu bitaro, aho yahavuye yitaba Imana ku muhongamo wo kuri uwu wa kane.

Umwigisha Matayo MBARUSHIMANA ari mu minwe y’igiporisi, abavyeyi buwo mwana yishwe n’inkoni yakubiswe nabo bagasaba ko uwo mwigisha yoshengezwa mu butungane, kandi yakwe n’urupapuro rw’umutsindo rw’uburezi yaronse, kuko bibonetse ko ibanga ry’uburezi atarishoboye.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!