Abanyeporitike bitavye ibiganiro vy’i Arusha bahawe amasaha 48

0

Abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi bari mu biganiro i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya basabwe n’umuhuza Benjamin William MKAPA ko botegurira hamwe urupapuro rw’inzira rwerekana ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ndyane za poritike, n’amatora yo mu mwaka w’2020 azohuze bose.

Umuhuza Benjamin William MKAPA yabibasavye kuri uwu wa gatanu, akaba yabasavye ko muri urwo rupapuro rw’inzira, boshira hamwe ivyumvikanweko n’abanyeporitike bo mu Burundi mu rupapuro rw’inzira rwatereweko umukono mu gihugu c’Uburundi mu ntara ya Kayanza mu kwezi Rusama 2018, hamwe n’urupapuro rw’inzira rw’i Entebbe mu gihugu ca Uganda rwateweko umukono n’abanyeporitike bari hanze y’Uburundi, mu kwezi guheze.

Mu masaha 48 bahawe kugira babe bashize hamwe ibiri muri izo mpapuro zibiri z’inzira, umuhuza MKAPA yabwiye abari mu biganiro i Arusha ko ivyo baza kwumvikanako arivyo azoca ashikiriza abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko mu cegeranyo azobaha.

Mu gihe ivyo biganiro biriko biba Reta y’Uburundi idaserukiwe, mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko kuba Reta ititavye umuce wa gatanu w’ibiganiro bihuza abarundi ari agahombo kuriyo nyene naho n’abatavuga rumwe nayo batera.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo asigura ko Reta igikeneye kuva mu bukene n’icuka kibi ca politike kiri mu Burundi, uwo arongoye PARCEM akabona ko inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’ubuseruko ariyo izovuga irya nyuma yisunze impapuro z’inzira zitandukanye zateweko umukono.