UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umunyepolitike Jérémie MINANI amenyesha ko yahukanye n’uwo bari bubakanye Furaha Munezero.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike Jérémie MINANI atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi yaraye amenyesheje ko yahukanye n’uwo bari bubakanye Furaha Munezero. Mu rwandiko yashize ahabona kuri uyu wa gatanu, Minani asigura ko imvo imutumye avana na Furaha Munezero ari ukurenga ibigo, ivyo bita ‘infidélité’ mu rurimi rw’igifaransa.

Uwo munyepolitike avuga ko haheze imisi binuganurwa, bigatuma benshi bavuga ivyo bishakiye ariko ubu ko ashimye kubishira ahabona. Vyose ngo vyatanguye igihe ahunga kuva mu 2008 gushika 2013 aho yasanga akaba kabaye ariko incuti, abagenzi biwe barasukamwo mabisi arabireka. MINANI akavuga ko yagerageje kwihangana, bahanurana kugira basubize ibintu mu buryo ariko ngo utwigoro twose turasendwa.

Uwo munyepolitike asanzwe ari mu buhungiro kuva mu 2015 kubera yiyamirije ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza akarangiza ubutumwa bwiwe amenyesha ko atagitangaje ko umunyepolitike aca mu ngorane z’ubuzima nk’abandi banyagihugu.

Twobamenyesha ko Jérémie MINANI na Furaha Munezero bari bashinze urwabo kuwa 29 Ntwarante 2005.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments