UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko yiyemeje gufasha abanyarwanda kugira biyambure ubutegetsi buhari bubayoboye nabi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko yiyemeje gufasha abanyagihugu bo mu Rwanda batwawe nabi kugira biyambure ubutegetsi buhari iki gihe avuga ko bwagize imbohe abanyagihugu babwo barwiriyemwo na cane cane urwaruka. Nk’uwusanzwe ari umuhizi w’igisata kijejwe urwaruka, amahoro, n’umutekano mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, Perezida Ndayishimiye akaba yabitangaje kuri uyu w’Imana mu kiganiro yagiranye n’urwaruka rwo mu gihugu ca Congo.

Perezida Ndayishimiye yagize ati :«Nta kwinubana kuhari mu banya gihugu bo mu bihugu vy’akarere, indongozi nizo zibi. (…)Urugamba rwacu rutegerezwa kubandanya gushika naho umunyagihugu wo mu Rwanda nawe yotsa igitutu indongozi ziwe, kubera ndi baza ko urwaruka rwo mu Rwanda ntirushobora kwemera kuba imbohe mu karere»
Mw’ico kiganiro yagiranye n’urwaruka rw’abanye congo, Perezida Ndayishimiye akaba yemereye urwo rwaruka ko azotunganya inama ihuza urwaruka rwo mu bihugu vyo mu karere harimwo n’u Rwanda kugira hirwe ingene hotorerwa umuti ku bibazo vy’umutekano biri mu karere.

Ayo majambo umukuru w’igihugu c’uburundi yifatira mu gahanga ubutegetsi bw’u Rwanda ayashikirije inyuma yaho imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri isubiriye kumera nabi. Mu ndwi yarangiye, Leta y’uburundi yaratangaje ko yugaye imipaka yayo yose yayihuza n’igihugu c’urwanda kubera ko ico gihugu ngo gicumbikiye abamaze igihe batera mu Burundi. Abasanzwe bakwirikiranira hagufi politike yo mu karere babona ko ugutana mu mitwe hagati y’ibihugu vyo mu karere bishobora kwaduka umwanya n’umwanya kubera ko uburundi nabwo bwinjiye mu matati n’urwanda kandi ingorane zari zimaze igihe ziri ku bihugu vya Congo hamwe n’urwanda, aho ivyo bihugu vyompi vyagirizanya gufasha imirwi irwanya ubutegetsi bwavyo ikoresheje ibirwanisho.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments