UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umunyanyamahanga yipfuza gufata amafoto ategerezwa gusaba uruhusha CNC-Vestine Nahimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye ikigo CNC kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru Mu Burundi Vestine Nahimana amenyesha ko ata munyamahanga arekuriwe gufata amafoto mu Burundi atadafise ruhusha rwa CNC kiretse ari mu manza z’umuryango gusa.Ibi abishikirije inyuma yaho Kino yves aturuka mu bufransa yategetswe n’aba polisi gufuta amafoto yose yariko arafata kubera ata ruhusha abifitiye.


Hari umunyamahanga aturuka mu gihugu c’ubufransa amaze imisi agira ingendo mu bihugu vya Afrika ari kwinga.mu gihe yari avuye mu gihugu ca Uganda akabandanya mu gihugu kibanyi c’urwanda yahavuye ashika mu gihugu c’uburundi.mu Burundi ntivyamworoheye kuko igihe yariko agerageza gufata amafoto aba polisi bamwatse ibikoresho yariko arakoresha hama ategekwa gufuta ama foto yose yamaze gufata kuko ata burenganzira abifitiye ariko mu nyuma yarasubijwe ibikoresho vyiwe!

Ibi biri muvyatumye Vestine Nahimana arongoye ikigo CNC kijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi agira ico ashikirije kuri ivyo vyashikiye uwo munyamahanga aturuka mu bufransa aho amenyesha ko abanyamahanga baba baje mu Burundi basabwa kuba bafise uruhusha rwa CNC kugira bemererwe gufata amasamu.

Vestine Nahimana agira ati:«hariho abanyamahanga baza mu gihigu baje kuramukanya,abandi baza baje ku mpamvu z’akazi n’abandi baza ku mpamvu z’umwuga wabo abo bose n’abanyamahanga.itegeko rigenga CNC rivuga ko mu gihe abanyamahanga baje mu gihugu batarekuriwe gufata amafoto kiretse mumanza z’imiryango naho nyene ntuca uja mu gihugu cose.rero abanyamahanga basabwa kubanza kumenya amategeko imbere yuko binjira mu gihugu.»

Leta y’uburundi yarikwiye kworohereza ba mukirarugendo baza mu gihugu kuko baheza bkinjiriza igihugu amahera y’agaciro narirya asanzwe ari ikibazo muri ino misi.kudafata neza abanyamahanga binjira mu gihugu bitanga isura mbi ku gihugu kuko atabaheza ngo bagaruke guhurumbira igihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments