UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amatora yimirije ya 2025 ashobora kubamwo ubusuma-Phénias Nigaba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Phénias Nigaba amenyesha ko amatora ya 2025 ashobora kuzobamwo ubusuma;nta karata karangamuntu ikozwe ku buhinga bwa none ihari,abajejwe gutegura amatora bazofatira ku bitigiri vy’amatora ya 2020,CENI irigukora ata tegeko rigenga amatora bafise ivyo vyose birerekana ko ayo matora ata mwizero yotanga!


Umuvugizi w’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba n’umuvugizi w’uwo mugambwe Phénias Nigaba yaraye ashikirije amakenga kw’itunganywa ry’amatora yimirije mu Burundi mu mwaka wa 2025-2027.Ayo makenga ahagaze kuri ibi bikwirikira:CENI iri gukora ata tegeko rigenga amatora bafise,ibiharuro CENI izofatirako nivyo mu matora yo mu mwaka wa 2020 hamwe nuko ata karata karangamuntu itunganijwe ku buhinga bwa none ihari mu gihe mu bushikiranganganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaheruka kwizeza abarundi ko iyo karata izoba yakozwe.

Phénias Nigaba agira ati:«biratangaje cane kubona umurwi CENI ukora ata tegeko rigenga amatora abafise ivyo bari gukora vyose nta mategeko bari kwisunga.ikindi nuko ata karata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none ihari.irya karangamuntu iba ikozwe mu buhinga bwa none kuburyo idashobora kwiganwa.kuko nkubu izi karata karangamuntu zihasanzwe usanga hari uwufise imwe canke zibiri mbere na zitatu agashobora gutora akarenga rimwe ivyo rero bishobora kudatanga umwizero kuvyova muri ayo matora yimirije.»

Mu nama yatunganijwe igenekerezo rya 17 rusama n’umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora Prosper Ntahorwamiye n’aberwa bose nivyo amatora yaramenyesheje ko ikarata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none bita Biométrie itazokoreshwa mu matora ya 2025 hazokoreshwa iyisanzwe ihari.ikindi nuko amatora ya 2025 azotunganywa hisunzwe indinganizo nshasha y’intara 5.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments