UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hakwiye amatohoza kubishwe bose bazira ikiringo ca 3 c’umuhisi Petero Nkurunziza-Chauvineau Murwengezo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Chauvineau Murwengezo arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga atera akamo ubutungane bw’uburundi gukora amatohoza kubarundi bose bishwe bahorwa ikiringo ca 3 C’umuhisi Petero Nkurunziza maze ababikoze bahanwe hisunzwe amategeko.Chauvineau Mugwengenzo avuga ko bitebe bitebuke abariko barica abantu ubu n’abishwe bahorwa ico kiringo ca 3 bazotinda bamenyekane.


Chauvineau Murwengezo aratangazwa n’inyifato y’ubutungane kubona imyaka 9 irangiye uwahoze arongoye uwo mugambwe Zed Feruzi agandaguwe bunyamaswa ahorwa kwiyamiriza ikingo ca 3 ca Petero Nkurunziza kakaba akamizwe n’ingoma ubutungane ntihagire ico bushikiriza kubabikoze.Naho biri uko Chauvineau Murwengezo avuga ko bituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha kandi amatohoza ageze kure.

Chauvineau Mugwengezo agira ati:«Twamye dusaba ko ubutungane bukora amatohoza inyuma y’urupfu rwa Zed Feruzi hamwe n’abandi barundi isinzi bishwe bahorwa ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza ariko haba agacerere mu butungane bw’uburundi niyo mpamvu twahavuye twitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha kandi amatohoza ageze kure bitebe bitebuke ababikoze bakubitwa intahe mu gahanga.twongera gusaba ubutungane bwikubite agashi bukore amatohoza ku bantu bose baishwe bahorwa ico kiringo ca 3.»

Ikiringo ca 3 C’umuhisi Petero Nkurunziza catumye haba ihungabana rikomeye haba mu vyo ubutunzi na politike,kuko gushika iyu musi ibibazo uburundi burimwo vy’ubutunzi ari inkwirikizi z’ikiringo ca 3 ca Petero nkurunziza nkuko biheruka gushikirizwa n’Umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments