UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Cnl nta gaciro bifise- Simon Bizimungu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Cnl Simon Bizimungu ari kuruhande rw’abashigikiye Agathon Rwasa aratera ivyatsi ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza ryabereye i Ngozi hakaba isubirizwa rya Agathon Rwasa k’uburongozi bw’umugambwe CNL bidakurikije amategeko,akamenyesha ko ata gaciro bifise.

Simon Bizimungu amenyesha ko batemera ivyavuye muri iryo koraniro kaminuza ryabaye hatisunzwe amategeko.ivyo biri murwandiko banditse ejo aho bamenyesha ko batangazwa no kubona Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati buha uburenganzira bwo gutunganya inama rukokoma umugwi w’abanywanyi bamaze kwirukanwa mu mugambwe.

Ikindi bamenyesha nuko amategeko y’umugambwe Cnl avuga ko umukuru w’umugambwe awuserukira imbere y’amategeko ariwe wenyene afise uburenganzira bwo gutumako ikoraniro kaminuza ry’umugambwe.

Batera akamo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu kureka kwivanga mw’itunganywa ry’umugambwe Cnl no kudaha agaciro ivyavuye muri iryo koraniro kaminuza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments