UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gusambura umugambwe CNL nta muti bizotanga kubibazo igihugu gifise-Agathon Rwasa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka akaba n’uwahora arongoye umugambwe CNL Agathon Rwasa avuga ko gusambura umugambwe CNL bitazotanga umuti kubibazo igihugu gifise uyu musi,Leta yategerezwa kubanza gutorera inyishu ibibazo vy’igitoro,isukari,amahera y’agaciro,umuyagankuba,,,, imbere yo kuja kwivanga mw’isenyurwa ry’umugambwe CNL.Ibi abivuze inyuma yaho kuri uyu wa Mungu uheze hatungunganijwe ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Cnl agahava asubirizwa kuburongozi bwa Cnl.


Rwasa agathon agira ati:«Ejo bundi rero turavye uko ibintu biriko biragenda tukaraba ko twegereje amatora ,twarandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu tumumenyesha ko twipfuza gutunganya ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Cnl igenekerezo rya 2 ntwarante uyu mwaka ariko aguma yitoza utunyoni.rero birababaje kubona yemeye kurekura abantu bagakora ikoraniro kaminuza,agahonyora ibwiriza nshingiro,ahonyoye ibwiriza rigenga imigambwe,ahonyanze n’amategeko y’umugambwe CNL kuko ikoraniro kaminuza ritumwako n’umukuru w’umugambwe canke uyundi muntu ashobora kumuhagararira iyo adashoboye kuba ahari.ivyo vyose wamubaza akaguma yitoza utunyoni ngo nyavyo azi muga mu nyuma bikaza kugaragara ko ariwe yabikoze.»

Rwasa Agathon arongera ati:«Leta yarikeneye abandi Barundi bokwicarana kugira batorere umuti ibibazo vyugarije igihugu uyu musi kugira dushayure uburundi.rero birababaje kubona igihugu cotwarwa n’abantu birengagiza amategeko n’amabwiriza kandi arivyo vyari gufasha kugirango igihugu gishobore gutera intambwe kija imbere.none ejo abarundi nibagira ingendo yo guhonyanga amategeko ubwo Burundi Buzoba ubwande?»

Kuri uyu w’Imana uheze I Ngozi haratunganijwe ikoraniro kaminuza kuruhande rw’abatemera uburongozi bwa Rwasa Agathon birangira asubirijwe kuburongozi bw’umugambwe CNL na Nestor Girukwishaka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments