UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe CNDD-FDD uriko urasenyura Democrasi mu Burundi-Léonce Ngendakumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Léonce Ngendakumana avuga ko bibabaje kubona umugambwe Cndd-Fdd wagiye mw’ishamba kurwana kugira uhabuze Democrasi ariko uyu musi akaba aribo bari gusenyura democrasi mu gusambura imigambwe itavuga rumwe na Leta ya Cndd-Fdd.Ibi yabivuze inyuma yaho Agathon Rwasa akuwe k’uburongozi bw’umugambwe Cnl bidakurikije amategeko.

Léonce Ngendakumana amenyesha kandi ko gusambura imigambwe itavuga rumwe na Leta ya Cndd-Fdd vyacitse ingendo y’ubutegetsi,rero Umugambwe Cnl ntiwotangara kuko vyarabaye no k’umugambwe Sahwanya Frodebu,Upd zigamibanga,Uprona rero Cndd-Fdd ntiyemera amahiganwa ashigiye kumigambwe myishi.

Léonce Ngendakumana agira ati:«ikidasanzwe twaraye tubonye nuko hagaragayemwo inguvu nyishi z’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati,hakajamwo inguvu nyishi z’abasirikare n’aba polisi hagatunganywa icitwa ikoraniro kaminuza ridatumweko n’ababifitiye uburenganzira.Ntivyumvikana ingene umgambwe Cndd-Fdd wafashe ibirwanisho ukaja kurwana kugira uhabuze Democrasi akaba ariwo ugaruka gusenyura democrasi.»

Tubibutse ko kuri uyu w’Imana uheze hatunganijwe ikoraniro kaminuza I Ngozi n’uruhande rw’abashingamateka batayoboka Agathon Rwasa rurongowe na Marie Immaculee Ntacobakimvuna bagahava basubiriza Rwasa k’uburongozi bw’umugambwe Cnl agasubirizwa na Nestor Girukwishaka

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments