Izina ryiwe ni Aloys Kamenyero, umugabo w-imyaka 60 amenyesha ko yibonako k-umubiri wiwe ibimenyetso vyerekana ko ariwe avurwa mu gitabo ceranda ca Bibiliya ko azoza ari Messiya wa kabiri. Ari navyo ivyo bimenyetso vyamutumye yandikira urwandiko umwungere wa Ekleziya Katorika kw-isi Papa Fransisko amusaba kwemererwa k-umugaragaro yitwe Messiya wa Kabiri.
Ico kimenyetso uwo munyagihugu avuga n-uko ngo yiravye inyuma y-ikiganza ciwe kiri k-ukuboko kw-ibubamfu uko ngo imitsi itonze icapa indome ˮW‟ hamwe na ˮJ‟ bisigura ˮWith Jesus‟ bisigura mu Kirundi ˮ kumwe na Yezu canke Yesu ‟ aranavuga ko hari n-ibindi bimenyetso biza bishimangira neza ko ariwe yavurwa ico gihe muri Bibiliya.
Uwo munyagihugu w-umurundi arongera akavuga ko urukoba rwiwe rwirabura na rwonyene rwaje rumuha ububasha budasanzwe bwo kuronka ico kidari co kwitwa Messiya wa kabiri.
Ikindi mwomenya , n-uko Aloys Kamenyero yari mu bitoreje ikibanza c-umukuru w-igihugu w-uburundi mu matora aheruka yo mu mwaka w-2020 aho yitoje nk-uwigenga akamenyesha ko afise icizere ko m-umwaka w-2021 uzorangira aramutswa isi inyuma yo kwandikira ikete umunyamabanga mukuru w-ishirahamwe mpuzamakungu ONU hari kuwa 18 Ruheshi amusaba ko hotunganywa amatora y-umukuru w-isi yose, amatora Aloys Kamenyero yashaka guca yitoreza yisunze amajambo ari mu gitabu ca Izaya 7:18 aho handitswe ko hazoza umukiza avuye ku mpera z-uruzi Nili . Aho naho ngo ni mu Burundi.
Recent Comments