UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umunya Palestine yitwariye imbere ya CPI abategetsi ba Israel inyuma yukwicirwa umuryango wiwe wose mu bitero biheruka.

Inyuma y-ibitero vyari bimaze igihe bibera  m-umuji wa Gaza bigahuza igisirikare ca Israel hamwe n-umuhari w-abanyepalestine Hamas, ibimaze kumenyekana ko vyahononekariye ni vyishi k-uruhande rw-igihugu ca Palestine aho abantu bagera 250 bahasize ubuzima murabo hakaba huzuyemwo abanyagihugu batari bake batariko bararwana hamwe n-abana, hakaba n-inyubakwa nyishi za Leta zasambuwe n-ibibombe vy-urutavanako vyaterwa n-igisirikare ca Israel .Israël persiste dans son offensive sur Gaza | Atalayar - Las claves del  mundo en tus manos

Inyuma yo kubona ko umuryango wiwe wose ugizwe n-umuhungu wiwe, umukazana yari yibungenze hamwe n-abuzukuru bane bishwe n-ibisasu vyatewe n-igisirikare ca Israel, umunya palestine azwi kw-izina rya Mohammad Al-Tanani yahisemwo kuja kwitwarira abategetsi ba Israel imbere ya sentare mpuzamakungu CPI. ˮTwerekanye ko ivyaraye bikorewe abanyepalestine ari ivyaha vyo mu ntambara kuko vyibasiye abanyagihugu b-inzirakarengane ataco bazira ndetse harakozwe ivyaha vy-agahomerabunwa mu gihe umuji wa Gaza wajujagirwamwo ibibombe amajana n-amajana bikica bikica uwo bibonye wese‟  vyatangajwe na Georges –Henri  Beauthier ,umwe mubashingwamanza baburanira Mohammad Al-Tanani.

Twobamenyesha ko n-ibindi birego bimaze gushikira iyo sentare mpuzamakungu aho ubuheruka abashingwamanza wanyen-inyubakwa yakoreramwo ibinyamakuru  AL-JAZEERA na PRESS ASSOCIATED vyasambuwe n-ibisasu vy-igisirikare ca Israel bitwariye abategetsi ba Israel ku vyaha vyo mu ntambara bakoze.

Naho hari Bamwe n-abandi babona ko ivyo kwitwarira abategetsi ba Israel muri CPI ataco bizoza bifasha kuko ico gihugu kisanzwe kitari mw-iyo sentare, ikizwi n-uko iyo sentare idakwirikirana ama Leta canke ibihugu ko ahubwo ikorako amatohoza ku bantu baba baba bagirizwa gukora ivyaha vy-ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n- ivyaha vy-ubwicanyi bw-agahomerabunwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments