Inyuma y-ibitero vyari bimaze igihe bibera m-umuji wa Gaza bigahuza igisirikare ca Israel hamwe n-umuhari w-abanyepalestine Hamas, ibimaze kumenyekana ko vyahononekariye ni vyishi k-uruhande rw-igihugu ca Palestine aho abantu bagera 250 bahasize ubuzima murabo hakaba huzuyemwo abanyagihugu batari bake batariko bararwana hamwe n-abana, hakaba n-inyubakwa nyishi za Leta zasambuwe n-ibibombe vy-urutavanako vyaterwa n-igisirikare ca Israel .
Inyuma yo kubona ko umuryango wiwe wose ugizwe n-umuhungu wiwe, umukazana yari yibungenze hamwe n-abuzukuru bane bishwe n-ibisasu vyatewe n-igisirikare ca Israel, umunya palestine azwi kw-izina rya Mohammad Al-Tanani yahisemwo kuja kwitwarira abategetsi ba Israel imbere ya sentare mpuzamakungu CPI. ˮTwerekanye ko ivyaraye bikorewe abanyepalestine ari ivyaha vyo mu ntambara kuko vyibasiye abanyagihugu b-inzirakarengane ataco bazira ndetse harakozwe ivyaha vy-agahomerabunwa mu gihe umuji wa Gaza wajujagirwamwo ibibombe amajana n-amajana bikica bikica uwo bibonye wese‟ vyatangajwe na Georges –Henri Beauthier ,umwe mubashingwamanza baburanira Mohammad Al-Tanani.
Twobamenyesha ko n-ibindi birego bimaze gushikira iyo sentare mpuzamakungu aho ubuheruka abashingwamanza wanyen-inyubakwa yakoreramwo ibinyamakuru AL-JAZEERA na PRESS ASSOCIATED vyasambuwe n-ibisasu vy-igisirikare ca Israel bitwariye abategetsi ba Israel ku vyaha vyo mu ntambara bakoze.
Naho hari Bamwe n-abandi babona ko ivyo kwitwarira abategetsi ba Israel muri CPI ataco bizoza bifasha kuko ico gihugu kisanzwe kitari mw-iyo sentare, ikizwi n-uko iyo sentare idakwirikirana ama Leta canke ibihugu ko ahubwo ikorako amatohoza ku bantu baba baba bagirizwa gukora ivyaha vy-ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n- ivyaha vy-ubwicanyi bw-agahomerabunwa.
Recent Comments