Mu gihe kuruwu wa gatatu igenekerezo rya 26 Rusama wari umusi ugira kabiri hatanguye gukorwa ikibazo ca Leta co mu mwaka w-icenda kitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c-inyuma y-ishure shingiro, kw-ishure ryisumbuye rya SOS riri mu gisagara ca Bujumbura havurwa umwana w-umuhungu w-uwahoze ari umushikiranganji w-indero n-ubushakashatsi Prof. Gaspard Banyankimbona aho yafatanywe inyishu z-ibibazo ku rupapuro rusa n-izo bakorerako kw-ico kibazo bita copie rose , biboneka ko ico kibazo cibwe biciye hejuru ndetse bifashijwe n-abamwe mubari bagiye kugitora.
Uwo mwana yarasohowe n-umwarimu yariko aracungera ico kibazo nk-uko bisanzwe bikorwa mu gisata c-indero mu gihe bibonetse ko habaye ubusuma. Ariko iyo ngingo yo gusohorwa hanze kw-uwo munyeshule ngo yamaze umwanya urume rumara kubera ko haciye haza igipolisi kisanzwe kicungera inzego n-abategetsi API biboneka ko coba carungitswe na se w-umana hama kitangura kugira iterabwoba k-uwo mwarimu n-abagenziwe bafatanye itonga uwo munyeshule. Umwigisha nyene gufata ubwo busuma yahavuye agondozwa aremerera wa mwana asubira gukora ikibazo ndetse asigara amucengereye wenyene kubera umwanya wari wategekanije wari waheze.
Abarimu bo kw-iryo shule agashavu kiriwe kaniga ndetse baranumirwa kubona igipolisi kiza kubatera ubwoba kandi ikosa rikomeye ryari ryakozwe n-uwo mwana w-uwahoze ari umushikiranganji w-indero bobo bari biteze ko uwo mwana ahanwa bikomeye ndetse amatohoza yimbitse agakorwa kugira hamenyekane abafashije kugira ubwo busuma bukorwe. Abo barezi kandi bo kw-iryo shule ryisumbuye rya SOS bahamagarira umushikiranganji mushasha w-indero Dr. Francois Havyarimana kuhagurukira igisata c-indero asanzwe arongoye akwirikirane cane abajejwe gutora ibibazo vya Leta mu ntumbero yo guhagarika ubwo busuma.
Recent Comments