Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunzi"Umunwa wose uronke ico urya, umufuko nawo ukaronka amahera": Indoto za perezida...

“Umunwa wose uronke ico urya, umufuko nawo ukaronka amahera”: Indoto za perezida Ndayishimiye? canke birashoboka?

Igihe ashitse ku butegetsi mu mwaka wa 2020, Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yaramenyesheje icipfuzo ciwe afitiye uburundi agiye kuyobora imyaka indwi iri imbere ko “umunwa wose woroka ico urya, umufuko nawo ukaronka amahera”. Ico cipfuzo ca Perezida Ndayishimiye mu myaka itatu igire ikwire ari ku butegetsi , gisa nikitagiye mu ngiro ndetse binatuma abarundi iki gihe batangura guta icizere ku bijanye n’uko babayeho kuko ibintu nka vyose vya nkenerwa vyaraduze ku rugero rutari rumenyerewe mu gihugu c’uburundi ndetse rero n’ihindagurika ry’ibihe ryaje risongera isibe. Umwe mu bize ivy’ubutunzi avuga ko ico cipfuzo ca Perezida Ndayishimiye gifatwa nk’indoto kuko ngo Leta itazopfa ishoboye kugaburira umurundi wese mu gihe itijukiye uburimyi bugezweho bwa kijambere.

Mu ndwi twasozereye, harabaye umubonano hagati y’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye hamwe na baburamatari barongoye intara zose zigize igihugu c’uburundi. Intumbero y’uwo mubonano kwari ukurabira hamwe ukwo umugambi w’umukuru w’igihugu w’uko umurundi wese yoronka ico afungura maze umufuko nawe ukaronka amahera , wagiye mu ngiro. Bakaba basanze ko uwo mugambi utariko uja mu ngiro hafi imyaka itatu ihaciye Perezida Ndayishimiye awutangarije abarundi. Bakaba bahamagariye abarundi harimwo n’abakozi ba Leta kwijukira uburimyi n’ubworozi kugira barwize umwimbu maze ico cipfuzo c’umukuru w’igihugu kize cashika kwihangiro.

Umwe mu bize ivy’ubutunzi yanabaye imyaka hafi mirongo ibiri mu gihugu c’ubuhorande ariko atashimye kwivuga izina amenyesha koi co cipfuzo ca Perezida Ndayishimiye gifatwa nk’indoto kuko mu gihe Leta arongoye itokwijukira ukurima kijambere, itazopfa ishoboye kugaburira umurundi wese. Akongera akavuga ko hatayeko ko ico cipfuzo kitigezwe gishirwa mu nyandiko ngo cirwe maze nk’umugambi w’igihugu Leta igiye kugenderako.
” Nta gihugu na kimwe abantu bose baba abarimyi muga hariho ibintu ngombwa bikorwe kugira igisata c’uburimyi kibe igiteye igomwe. Ubwa mbere n’uko tugomba kurondera amatongo maninimanini, abantu bashirwe mu birwati rusangi kugira amatongo yo kurimwamwo aboneke hama kandi nuko Leta yorondera ifumbire ikoresha yabanje gupimwa ,itica isi ahubwo yongeza umwimbu. Hategerezwa kandi ko habaho imbuto zirobanuye zongeza umwimbu. Ica nyuma nuko abarundi bosezerera kurimisha amasuka maze hagakoreshwa za mashini zo kurima, hakaba kandi nukwiga ubuhinga bwo kuvomera imirima iyo hageze mu gihe c’ici ndazi muzoba mu mbwira umusaruro w’ibi ndababwiye hamwe vyokwirikizwa” niko uwo muhinga muvy’ubutunzi asigura.

Arongera ati “Kuba Perezida Ndayishimiye yariyumviriye iki cipfuzo ni vyiza ariko kuba atakigize nk’umugambi w’igihugu kizogenderako gushika mu kiringo bihaye, maze bahashire amafaranga akwiriye, biza gufatwa nk’indoto ziwe afise”.

Tubamenyeshe ko igihugu c’uburundi kirimwo abarundi bariko bababa imiriyoni 12. Muri abo, ibice birenga gato 10% ni abarimyi. Ni ukuvuga ibice birenga 80% bisigaye nivyo bitunzwe n’abo barimyi bari ku rugero rwo hasi cane. Biza gusigura ko igisata c’uburimyi mu Burundi gisa nicibagiwe, umuntu akabivuga afatiye ku mafaranga Leta ikoresha buri mwaka ishira mw’ico gisata, aho ari hasi cane ugereranije n’ibindi bisata Leta ishiramwo amafaranga.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...