UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umuceri wapakiwe n’indege ya Guinnée Equatoriale ngo woba washiriwe ingabo z’uburundi ziri muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuceri woba warugenewe inteko z’uburundi ziri mu ntara ya Kivu y’uburaruko , mu buseruko bwa Congo kuri uyu wa kabiri warapakiwe n’indege yo mu gihugu ca Guinnée Equatoriale ku kibuga c’indege vca Bujumbura . Uwo muceri bikavurwa ko woba wakuwe muwuheruka gutangwa n’igihugu c’ubushinwa mu ndwi iheze.

Uwo muceri wapakiwe ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye kuri uyu wa kabiri igihe c’isaha cumi zirenga zo ku kagoroba wangana amatoni 5. Amasoko dukesha iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu atumenyeshako uwo muceri wakuwe muri bumwe mu bubiko bw’urwego rw’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayubaha. Muri ubwo bubiko, ngo niho habitswe amatoni 591 n’igice z’umuceri ubushinwa buheruka kugabira igihugu c’uburundi.

Ayo makuru abandanya avuga ko ayo matoni atanu y’umuceri yarungikiwe ingabo z’uburundi ziri mu bikorwa vy’umuryango wa EAC vyo kugarukana amahoro mu ntara ya Kivu y’uburaruko muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ku bijanye n’indege ya gisirikare ipakira imizigo yo mu gihugu ca Guinnée Equatoriale yakoreshejwe mukwunguruza uwo muceri, ayo masoko amenyesha ko iyo ndege ari iy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yoba yaratijwe na mugenziwe arongoye ico gihugu ca Guinnee Equatoriale.

Ivy’uwo muceri waraye upakiwe n’iyo ndege yo mu gihugu ca Guinnee Equatoriale , vyagiye bivugwako vyinshi na batari bake ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye. Bamwe bibajije ko ari umuceri Leta y’uburundi yoba ihaye nk’ingabire Igihugu ca Guinnée Equatoriale, abandi nabo bati woba uwo muceri wagiye kudandazwa mw’ico gihugu mu ntumbero yo kuronka amafaranga y’agaciro , amaze imisi yarabuze mu gihugu c’uburundi. Gusa , ico bose bahurizako, ni ukuntu uwo muceri wari kurenga imbibe z’igihugu kandi abarundi bugarijwe n’inzara hamwe n’iduga ridasanzwe ry’ibiciro.

Abarongoye inzego z’igihugu c’uburundi ntaco baratangaza ku bivurwa vy’uwo muceri wapakiwe n’indege ya gisirikare yo muri Guinnee Equatoriale, iyo wajanywe n’ico ugiye gukorayo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments