umunonotsi Francine Niyonsaba yaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olempike za Tokyo mu Buyapani.

0
Umunonotsi rurangiranwa w’umurundukazi Francine Niyonsaba yaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olempike za Tokyo (mu Buyapani). Ni inyuma yo kwiruka, kuri uyu wa 2, imetero 5,000 mu minota 14:54.38 mw’ihiganwa rya Meeting International de Montreuil 2021 (France).
Kugira uje mw’ihiganwa rya Olempike ku metero 5,000 utegerezwa kugira umwanya uri musi ya 15:10.00.
Peut être une image de 1 personne
World Athletics yari yaramuhagaritse kwiruka kuri 800m, ku mpamvu yuko imiterere yiwe atari nk iyabagore basanzwe  ahubwo ko afise ama ormones menshi ya kigabo bituma ahagarikwa ariko we nticitse intgege yaciye atangura kwimenyerereza kwiruka kubirometero 5 none inyuma y’igihe kitari gito yimenyereza uyumusi atsinze amahiganwa.
Mugenzi we yahora amubiza akuya kuri 800m, ni umu nya Afrika y’Epfo Caster Mokgadi Semenya, nawe nyene babujije kwiruka kuri 800m, we vyanse ko ashitsa izo 15:10.00 kuri 5000m