Perezida Uhuru Kenyatta avuga ko EAC arongoye igiye kusaba ko uburundi bwokurwako ibihano bwafatiwe.

0

Mu rugendo rw-imisi ibiri umukuru w-igihugu c-uburundi perezida Ndayishimiye Evariste  yahera kugira mu gihugu ca Kenya, we na mugenziwe wa Kenya barashize umukono ku masezerano atandukanye yo gufashanya hagati y—ivyo bihugu ukwari bibiri. Aha twovuga nko muvy-ubudandaji, muvy-imico kama , n-ibindi…Page 4 – Kenyan news: Latest news in Kenya, Africa, World in real time

Mu gihe hariko haba ibirori  vyaˮMadaraka day‟  mu gisagara ca Kisumu,umukuru  w-igihugu ca Kenya yavuze ko ishirahamwe rya Afrika y-ubuseruko asanzwe arongoye iki gihe  rizokora ukwo rishoboye mu gushigikira igihugu c-uburundi kisanzwe kiri mw-uwo muryango kugira ibihano vy-ubutunzi bwafatiwe bivanweho.

Tubibutse ko igihugu c-uburundi kimaze imyaka  itanu kiri mubihano vy-ubutunzi cafatiwe  n-ibihugu vya rutura nk-uburayi na Amerika. Ivyo bihano vyafatiwe uburundi kuva aho hadukiye intureka za Politike zo mu mwaka w-2015 ziturutse k-ukwitoreza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza, ikiringo ciyamirijwe na benshi ko hahonyanzwe amasezerano y-i Arusha yateweko umukono mu mwaka w-2020 aho muvyari biyarimwo havuga ko ata mukuru w-igihugu numwe yemerewe kwitoreza ibiringo bibiri.