Guharika vyaranse guhera muri komine ya Giharo, bituma mbere abenshi harimwo n’abaharitswe basigara babifata ibisanzwe.

0
Bamwe mu bakenyezi baharitswe ku mutumba Shasha muri komine Giharo n’intara ya Rutana, ntibabona kumwe ingeso yo guharika. Hari ababona ko ari akarenganyo mu gihe abandi bo babifata ibisanzwe. Ariko basaba abajejwe intwaro n’ubutungane gutuza iyo ingeso mbi.
Peut être une image de plein air et texte qui dit ’COMMUNE GIHARO’
Umukuru w’umutumba Shasha aremeza ko iyo ngeso ihari kuri uwo mutumba. Pascal Ngirente avuga ariko ko abaharika bagabanutse kubera amanama akorwa ku mitumba.
Na Olivier Nibitanga buramatari arongoye intara ya Rutana ntahakana ko iyo ngeso ihari;   avuga ariko ko bakoze amahimiriza bafadikanije n’amashirahamwe y’abakenyezi ivyatumye iyo ngeso igabanuka. Amenyesha kandi ko n’imanza zicibwa iyo hagize uwitwara amategeko agakurikizwa, naho bikiri ku rugero ruto.