UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umunezero abarundi bafise ni kubera amazi bahaye Yezu anyotewe-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ko Aburahamu,Yakobo na Yezu banyoye ku mazi y’iburundi arico gituma abarundi bafise akanyamuneza,vyavuye ku mazi Yezu yanyoye y’I Burundi anyotewe aca abasigarana uwo muhezagiro.

Ibi yabivuze kuri uyu wa kabiri mu nama rukokoma yiga kubijanye n’igisata c’ingenzi mu Burundi.muri iyo nama yaragarutse kandi ku barundi basohotse igihugu bakakivuga nabi.Agira ati:« Abarundi basohotse igihugu bakakivuga nabi abo nibo basohotse wa murima wa Edeni kubera ivyaha vyabo kandi kuwugarukamwo bizobagora batihanye».

Evariste Ndayishimiye arongera ati :«Aburahamu,Yakobo na Yezu banyoye ku mazi y’I Burundi arico gituma abarundi buzuye umunezero.Yezu yerekana abahirwe ab’aribo yavuze ati nari nyotewe murampa ico kunywa nari kavantara murantora nawe yari kavantara anyotewe turamuha ico anywa.umuhezagiro rero abarundi bafise uva ku mazi twahaye Yezu».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments