Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha abarundi ko igihugu c’uburundi ari umurima wa Edeni,umurima uvurwa muri Bibiliya.Ibi Evariste Ndayishimiye yabivugiye kuri Hoteli club du Lac Tanganyika kuri uyu wa kabiri mu nama rukokoma yiga kubijanye n’ingenzi na ba mukirarugendo mu Burundi.

Evariste Ndayishimiye agira ati:«ubwato bwa Nowa buvurwa muri bibiliya bwavuye muri I Burundi,imvura y’igihuhusi yarimwo imiyaga myishi,ubwato bwari I Burundi,umuyaga urabutwara,hanyuma umwuzure wagiye guhera bugeze hariya muri Isiraheli.Babonye uruzi ruhari baca bibaza ngo ni Rusizi.Za nzuzi zikikije umurima wa Eden ni Rusizi,ni Ruvubu,maragarazi ni kanyaru».
Arongera ati :«igituma mwebwe mutavyemera ni kubera baba Malayika bafise inkota z’umuriro bahakinga,bakabakinga mu maso ntimubone ko muri mu murima wa Edeni.muze mubaze abanyamahanga iyo baje mu Burundi,ubwo nyene muze mwumve ko hatari isumaku ibakwega bagaca bavuga bati:turashitse mw’ijuru».





Recent Comments