UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bushobora kwinjira mu bihe bigoye atagikozwe-Marie Louise Baricako

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano Marie Louise Baricako avuga ko afise amakenga n’ubwoba ko ata gihe kinini gisigaye uburundi butinjiye mu mvururu ata gikozwe.ibi yabivugiye mu kiganiro”Agahaze” kiremeshwa na Jilbert Niyonkuru aho yari umutumire.


Marie Louise Baricako yishura kukibazo c’icokorwa kugira amaraso y’inzirakarengane ntabandanye aseseka agira ati :«Indwano nta nyishu itanga irasambura nimba tuzi ko intamabara itazana amahoro akaba ata muntu numwe arikwiyumvira icokorwa kugira amaraso y’inzirakarengane ntabandanye aseseka ariko abategetsi bakabandanya kwisamaza bakiteza utunyoni nkuko Prezida yama avuga ko amahoro yiraye mu gihugu,uburundi ari Edeni,ari Paradizo muga ntiyemere ko hari ibibazo uca wumva ko abategetsi b’uburundi batariko barabona neza aho uburundi buri muri kino gihe.ntanyishu izoboneka mu gihe Ubutegetsi butemera ko bufise ikibazo,nta muti uzoboneka».

Haraheze imisi mu Burundi havurwa ibitero bikorwa n’umuhari Red Tabara bigahitana abenegihugu bitekaniye aho mbere unavyiyemerera ariko uwo muhari ukavuga ko hoba amatohoza yimbitse ku bica abo benegihugu kuko bobo batica abenegihu ahubwo batera ibirindiro vy’abasirikare n’aba police.uwo muhari ukagiriza Leta y’uburundi ko ariyo igaruka ikica abo benegihugu.

Uko biri kose abarundi bararushe n’indyane z’indwano zabaye muri kahise zigahitana ubuzima bw’abenegihugu benshi nubu bikaba biri kugaruka mu gihugu.Leta ikwiye gutorera umuti iki kibazo na cane cane ntizohave igera aho yumviriza abo batera igihugu ari uko inganda zatikiye nkuko vyabaye mu gihe umuhari Cndd-Fdd ukiri mw’ishamba witwa umuhari w’iterabwoba no gukora ihonyabwoko”Groupe Tribalo-terroristes gonocidaires”vyatumye Leta yari ihari ico idashaka kwicarana na Cndd-Fdd ariko munyuma intwaro ya Buyoya yaratinze iremera kuganira n’uwo muhari ariko amaraso y’inzirakarengane amenetse.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments