Umumenyeshamakuru Jeremie MISAGO w’ikinyamakuru IWACU ntawuzi irengero ryiwe kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu w’indwi twaraye dusozereye. Uwo mumenyeshamakuru agize kabiri wa IWACU abuzwe irengero , inyuma ya Jean Bigirimana nawene ata kayambu kiwe kuva mu mwaka wa 2016 aburiwe irengero mu ntara ya Muramvya.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru IWACU,ari naco Jeremie Misago yarakorera, kivuga ko mu gatando ko kuri uyu wa gatandatu , umuryango wa Misago uba mu ntara ya Makamba muri komine Nyanza-Lac wari umwiteze kugira ngo aje kuwereka umukunzi wiwe bimirije kwubakana. Ariko umuryango wiwe ntiwigeze umubona ndetse nabo bari bakujana kuri urwo rubanza baramurindiriye hagati mu gisagara ca Bujumbura maze baramubura . Kugera ubu, terefone ngendanwa za Misago zose ntizirengana kuko zizimije. Umuryango wiwe , Abo bakorana co kimwe n’igipolisi bariko babandanya kurondeza uwo mumenyeshamakuru kugira ashobore kuboneka.
Tubibutse ko Kuva kuwa 22 Mukakaro 2016 gushika ubu , Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ico kinyamakuru IWACU ata kayambu kiwe inyuma yo guhamagarwa kw’iterefone n’umuntu bivurwa ko yari umukozi w’iperereza ry’uburundi , ico gihe Bigirimana yaragiye I Bugarama ni mu ntara ya Muramvya. Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka k’abamenyeshamakuru yagumye asaba ko haba amatohoza yimbitse ndetse hagakorwa ibipimo vya AND ku biziga vyari vyatowe mu ruzi rwegereye ahari hanyururijwe Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana, Ariko ntacavuyemwo gushika ubu kuko iyo dosiye isa niyibagiwe.
Recent Comments