UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Benshi mu banyekongo bahaye bibaza ico ingabo za Kenya zaje gukora aho kurwanya M23.

Abatari bake mu banyagihugu b’abakongomani cokimwe na bamwe bari mu mashirahamwe yigenga bagiriza ingabo z’igihugu ca Kenya haciye hafi indwi zishitse mu muji wa Goma ,ko ziriko zirindira umwanya muremure kugira zitangure gutana mu mitwe n’umuhari M23. Hari n’abariko basaba ko izo ngabo zosubira iwabo kuko batabona ico zaje gukora mugihe umuhari M23 wowo uguma ukomeza ibitero werekeza mu gisagara ca Goma. Ingabo za Kenya zozo zisigura ko zidashobora kurwana na M23 zitarabona ikigiye kuzo mu biganiro vy’amahoro bitegekanijwe kubera I Nairobi mu gihugu ca Kenya kuri uyu wa wa 21 Munyonyo 2022.

Bamwe mu banyagihugu b’abakongomani batuye mu gisagara ca Goma bavuganye n’ikinyamakuru SOS Medias Burundi , bagira bati :” Turababaye kandi turashavuye kuberiki abasirikare ba Kenya badatabara habaye ibitero vya M23? Baje gukora iki ngaha ? Bategerezwa gusubiramwo kuraba uko bacagura abo barungika”

Bamwe mu barongoye amashirahamwe yigenga bavuganye na Sos Medias Burundi nabone babona ko nimba ingabo za Kenya zidashaka kurwanya M23 , bategerezwa gusubira mu gihugu cabo kurindirirayo ivyavuye mu biganiro vy’I Nairobi.

Ingabo za Kenya ziri mu muji wa Goma ziheruka gutangaza ko zirindiriye ikizova mu biganiro vy’i Nairobi mu gihugu ca Kenya maze bibaye ngombwa zitangure gutana mu mitwe n’abarwanyi ba M23. Ibiganiro vy’I Nairobi vyategerezwa gutangura atagihindutse kuri uyu wa 21 Munyonyo 2022 kubw’ikirangamisi c’umuhuza Uhuru Kenyatta , yahoze arongoye igihugu ca Kenya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments