Thursday, December 1, 2022
HomeNewsPerezida Ndayishimiye avuga iki ku bijanye n’ibirego vy’uko urwanda rufasha M23?

Perezida Ndayishimiye avuga iki ku bijanye n’ibirego vy’uko urwanda rufasha M23?

Ariko yishura ikibazo yabajijwe n’abamenyeshamakuru b’iradiyo n’imboneshakure vy’abafaransa RFI na France 24 kijanye nuko abona ivyagiriji vya Leta ya Congo ku kuntu urwanda ruguma rushigikira umuhari M23, Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ari nawe arongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko ntashima kugira ico avuze ku vyagiriji vya Leta ya Congo yuko igihugu c’urwanda arico kiriko kirafasha umuhari M23. Perezida Ndayishimiye asigura gusa ko mu nama yimirije yatumweko n’umuhuza mu matati ari hagati ya Congo n’urwanda ariho bazokwiga ico kibazo banamenye ukuri.

Abajijwe kuvyo Leta ya Congo iguma yagiriza Urwanda ko ruriko rufasha umuhari M23 vyoba birimwo ukuri , Perezida Varisito Ndayishimiye yishuye uku :” Gushika uy’umwanya ntituraca urubanza mu karere canke ubwanje jewe nyene. Ariko turategekanya inama yo kuvugana n’umuhuza mw’ayo matati , perezida wa Angola , Tuzoronka akaryo ko kwiga ico kibazo ndetse no kubona ukuri kw’ibintu”

Tubamenyeshe ko ku murwa mukuru wa Kenya i Nairobi , niho kuri uyu wa mbere hari hategekanijwe ko hatangura ibiganiro bihagarikiwe n’umuhuza Perezida Uhuru Kenyatta. Ivyo navyo vyari guhuza Imirwi irwanira mu buseruko bwa Congo harimwo M23 hamwe na Leta ya Congo. Bikaba vyungururijwe ku yindi isango itamenyekanye kandi ata nsiguro itanzwe. Ku nama yari itegekanijwe kuri uyu wa 21 Munyonyo 2022 i Luanda mu gihugu ca Angola nayone yasivye ihava yungururizwa kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Munyonyo , iyo nayo ikaba yatumweko na Perezida wa Angola Joao Lourenco asanzwe ariwe ariko arahuza Leta ya Congo hamwe n’iy’urwanda kugira hagaruke icuka ciza. Mw’iyo nama y’i Luanda , Perezida w’uburundi Varisito Ndayishimiye nawene akaba yarayitumiwemwo.

Must Read